Basketball: imigwi y'i Ngozi niyo yaraye itahukanye ibikombe vy'ihiganwa ryo hagati mu gihugu

Vyanditswe itariki 25.07.2017

 

Kur'uyu w'Imana 23 Mukakaro ku kibuga c'I Gikungu i Bujumbura, niho hakinwa inkino zanyuma z'ihiganwa ryari ryahuje imigwi itandukanye iserukira intara zo hagati mu gihugu. Mu bigeme, umugwi w'i Ngozi wari waraye usezereye uwo mu Rumonge mu gice ca kabiri gishira icanyuma watanye mu mitwe uw'i Gitega wari wakuyemwo uw'i Makamba. Mu bagabo naho, umugwi w'i Ngozi wari wakuyemwo uw'i Bururi watanye mu mitwe n'uw'i Gitega wari wasezereye uwo mu Rumonge. Tugaruke kur'izo nkino zari zitabwe n'abarorerezi isinzi harimwo abaherekeje imigwi n'abasanzwe baba i Bujumbura.

 

Imigwi ya Friend's Team (Ngozi) na Imbeya ZIUU yarerekanye urukino rubereye ijisho

 

Imigwi y'i Ngozi yaje yazikenyeye

 

Mu bigeme, urugero rw'umugwi w'i Ngozi rwatanguye kuboneka mu rukino rw'igice ca kabiri gishira icanyuma rwabaye kuwa gatandatu 22 Mukakaro aho wanyagiye bikomeye uwo mu Rumonge 119-9. Umugwi w'i Gitega waronse itike ry'igice canyuma ukuyemwo uw'i Makamba ku ntsinzi ya 46-22. Mu rukino rwanyuma, umugwi w'i Ngozi wagarukanye rya shaka nyene ukaba warerekanye ko ufise urugero rwo hejuru ugereranije n'iyindi migwi y'abigeme hagati mu gihugu kuko watsinze uw'i Gitega bitawugoye na gato ku manota 69-16.

Mu bagabo, igice ca kabiri gishira icanyuma caranzwe n'inkino zibereye ijisho kuko imigwi yose yarerekanye ko yaje kurondera itsinzi. Uw'i Gitega n'uw'i Ngozi niyo yashoboye kuronka amatike yo gukina urukino rwanyuma itsinze iyo mu Rumonge na Bururi.

Mu rukino rwanyuma, umugwi Friends Team w'i Ngozi na Imbeya ZIUU w'i Gitega warerekanye urukino rubereye ijisho rwanezereye abarorerezi isinzi bari bahishikiye. Friend's Team watanguye urukino urusha Imbeya urangiza agace kambere ufise 18-6, ariko ntivyagumye uko, mu gace ka kabiri, Imbeya warivyukiranije uraduga mu manota gushika naho karangira ubura atatu gusa ngo uhamvye Friend's Team (26-23). Inyuma y'akaruhuko, umugwi wa Friend's Team wazanye inguvu nshasha uragwana bikomeye mu kugwiza amanota, agace ka gatatu gaca karangira ufise 47-37. Mu gace ka kane, umugwi wa Imbeya waje wazikenyeye ngo uhamvue Friend's Team, abakinyi baragerageza no guterera kure barondera amanota atatu ariko ntibaroranirwa cane. Umugwi wa Friend's Team wabandanije wongereza amanota utadebukiwe, urukino ruca rurangira utahukanye intsinzi ya 65-57.

 

Ihiganwa ry'ugwego rw'igihugu rizokwinwa kuwa 5 na 6 Myandagaro

 

Mw'ijambo ryashikirijwe n'uwurongoye ishirahamwe rya Basketball mu Burundi FEBABU, yarakeje imigwi ine yashitse mu nkino zanyuma yongera ayihamagarira kwitegura bikwiye kugira bazokwerekane kandi ubuhinga bwabo mw'ihiganwa ryo ku rwego rw'igihugu rizobera mu gisagara ca Ngozi ku magenekerezo ya 5 na 6 y'ukwezi kuza kwa Myandagaro. Yarongeye kandi ameneyesha ko mur'iryo higanwa hazokwerekanwa ubwoko bw'urukino rwa Basketball buheruka gushikwa mu nkino mpuzamakungu (sport olympic), ubwo nabwo n'urukino rwa Basketball batazira "jeu de 21" rukinwa n'imigwi ibiri ya batatu bagakinira mu gice c'ikibuga (demi-terrain). Inyuma y'iryo jambo, imigwi yashitse mu gice canyuma yarahawe ubushimwe co kimwe n'abakinyi bigenjeje neza mu bigeme n'abagabo. Imigwi yatsinzwe yahawe imipira yo kuyifasha mu myimenyerezo, imigwi yatsinze nayo ihabwa imipira n'ibikombe.

Audifax Ndikuriyo

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

Primus League, umusi wa 1

Aigle Noir 3-1 Flamb. de l'Est
Messager N. 3-1 Olympic Star
Musongati 1-1 Athletico Ol.
Les Lierres 4-2 Messager Bja
LLBs4A 1-0 Delta Star
Vital'O 1-0 Inter Star
Flamb. Centre 1-1 les Jeunes At.
Ngozi City 0-0 Buja City

Primus League, umusi wa 2

Vital'O 0-1 Buja City
Les jeunes 0-3 Les Lierres
Flamb. Est 2-3 Athletico Ol.
Musongati 1-1 Aigle Noir
Olympic S. 7-0 Delta Star
LLBs4A 3-1 Messager N.
Inter Star 0-1 Ngozi City
Flamb. Centre 5-2 Messager Bja

 

Primus league, umusi wa 3

Kuwa 23/09
Delta Star 15:00 (PLR) Ngozi City
Kuwa 24/09
Messager N. 15:00 (Urukundo) Vital'O FC
Aigle Noir 15:00 (Gitega) Les Lierres
Inter Star 14:00 (PLR) Olympic S.
Les Jeunes 16:00 (PLR) Musongati
Kuwa 25/09
Messager Bja 14:00 (PLR) Flamb. Est
Athletico Ol. 16:00 (PLR) Flamb. Centre
Kuwa 26/09
Buja City 15:00 (PLR) LLBs4A