Basketball: Gymkhana niwo waraye utahukanye Play Offs i Bujumbura

Vyanditswe itariki 31.10.2017

 

Kur’uyu w’Imana 29 Gitugutu niho ibintu vyadadanuka mw’ihiganwa rya Basketball ry’I Bujumbura aho hari haramutse hakinwa urukino rwanyuma rwa Play Offs hagati ya Gymkhana na Kern, inyuma yahoo iyo migwi inganije intsinzi 2-2 mu nkino zine zambere. Mur’izo nkino zine zambere, iyo migwi yari yerekanye ko inganya amahirwe yo gutahukana itsinzi kuko Kern watsinze urukino rwambere, Gymkhana utsinda urwa kabiri n’urwa gatatu, maze Kern uca urivyukiranya utsinda urukino rwa kane kur’uyu wa gatandatu, bica bikenerwa koi kina urwa gatanu rwo kudadanura bukeye

 

Abasore ba Gymkhana baje bazikenyeye mu rukino rwa gatanu

 

Uko urukino rwa gatanu rwo kudadanura rwagenze

 

Abasore ba gymkhana baje bariye amavubi aho vyaboneka ko Yves, Bruce na bagenzi babo baje bazikenyeye bakinana ishaka ridasanzwe. Mu gace ka mbere n’aka kabiri Gymkhana ntiwavyoroheje utsinda amanota 29-25 ya Kern. Agace ka gatatu n’aka kane bwiganziwe na Gymkhana nyene aho wagumye imbere, umukinyi Bruce yari yahumaganye mu gutsinda mbere akaba yaranahawe amashi menshi n'abakunzi ba Gymkhana isinzi bari bishikiye ku kibuga c’I Gikungu. Abasore ba Kern nka Alvin n’abagenzi biwe baragerageje kuduza amanota ariko bakaguma barwa mu myugariro ya Gymkhana urukino ruza kurangira ku ntsinzi ya Gymkhana y’amanota 74 kuri 55 ya Kern mu kanyamuneza kenshi cane ku bakinyi n’abatsinzi bawo.

Tubibutse ko mu bigeme bitaradadanuka, imigwi ya Les Gazelles na Berco Stars izobandanya inkino za Plays Offs bivanye nuko mu mpera z’iyi ndwi batashoboye gukina (kubera ihiganwa rihuza ama kaminuza). Mu nkino zitatu bamaze gukina, umugwi wa Les Gazelles umaze kuronka intsinzi 2-1, inkino zirangiza Plays Offs zikaba zitegekanijwe kuwa 4 n’uwa 5 Munyonyo, zikazohura n'inkino z'ijonjora mu mirwi y’abahungu yo ngaha i Bujumbura mu kurondera itike ry’igikombe c’Umukuru w’Igihugu.

 

 

Audifax Ndikuriyo

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

Primus League, umusi wa 13

Messager N. 3-0 Athletico Ol.
Delta Star 0-2 Musongati
Flamb. Est 0-2 Les Lierres
Olympic S. 0-0 Vital'O FC
Ngozi City 0-3 Flamb. Centre
Aigle Noir 3-1 Inter Stars
LLBS4A 2-1 Les Jeunes At.
Messager Bja 0-2 Buja City

 

Primus League, umusi wa 12

Kuwa 19/11
Les Jeunes At. 16:00 (PLR) Buja City