Haringingo Francis Christian « Mbaya » agiye kumenyereza umugwi wa Mukura VS mu myaka ibiri iri imbere

Vyanditswe itariki 10/07/2017 isaha 14:42:42

 

Inyuma yo kumenyereza imigwi itandukanye nka Bioénergie mu cicaro ca gatatu, As Tanganyika mu cicaro ca kabiri, mu nyuma aba icegera ca Kanyenkore Gilbert Yaoundé na Michael Weiss muri Vital’O FC imbere yo kugenwa nk’umumenyereza mukuru, Christian Haringingo benshi batazira Mbaya yaraye yiyunze n’umugwi Mukura Victory Sport wo mu cicaro cambere mu Rwanda.

Nkuko tubikesha ikinyamakuru ruhagoyacu co mu rwanda, Mukura VS wari mu biganiro n'abandi bamenyereza nka Cassa Mbungo Andre, Ndayizeye Jimmy yahavuye yongereza amasezerano na Espoir n’abandi batari bake, ariko uburongozi bw’umugwi bukaba bwashimye kugira amasezerano y’imyaka ibiri na Christian Haringingo buca bubitangaza ku rubuga ngurukanabumenyi.

Mu kiringo Christian Haringingo yamenyereje Vital’O FC ar’umumenyereza mukuru, naho ata gikombe yatwaye, yarashoboye kuwukura mu kibanza kibi cane wari watanguyemwo ihiganwa ry’umwaka uheze arangiza mu kibanza ca gatatu. Nk’uko dukunda kubibona igihe abamenyereza bahinduye imigwi, umuntu yokwibaza nimba hari abakinyi ngenderwako yahorana azogenda atwaye, tuzobandanya tubikurikiranira hafi, tukaba tumwipfurije kuroranirwa mur'ayo mabanga yiwe mu kindi gihugu.

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

Igikombe c'Umukuru w'Igihugu, finale

Messager N. 1-2 Olympic Star