Football: Ishirahamwe ry'abamenyereza mu Burundi ryatunganije inama ya mbere ku kigo kijejwe ubuhinga i Bujumbura (CTN)

Vyanditswe itariki 16/07/2017 isaha 14:02:24

 

Kur’uyu w’Imana 16 Mukakaro, ishirahamwe ry’abamenyereza b’umupira w’amaguru mu Burundi AECFB ryari riramutse ritunganya inama ya bose yambere. Iyo nama yatanguye igihe c’isaha zine ku kigo kijejwe ubuhinga mu Ngagara . Abamenyereza bavuye mu ntara zose z’igihugu bahuriye mur’iyo nama ya bose kugira bigire hamwe ibibazo bitandukanye biraje ishinga akazi k'abamenyereza mu Burundi.
Ibintu nyamukuru vyashimikiweko vyari gushikiriza icese inama nkuru y'ishirahamwe ry'abamenyereza mu Burundi (Comité exécutif ), gushikiriza indongozi zirongoye ibisata bitandukanye n’abarongoye abandi mu ntara batowe biciye mu matora y'abamenyereza batowe hagati yabo. Ibindi vyagiye biravugwa n'ibijanye no kuronswa amakarata ku bamenyereza bose bo mu Burundi (Carte biométrique ) ayo makarata akazoborohereza no mu kurorera inkino ku bibuga bitandukanye.

Abagize inama nyobozi y’ishirahamwe

Uworongoye ishirahamwe : Bifubusa Joslin
Icegera ciwe : Gishikizo Jean-Pierre
Icegera ca kabiri : Nimbona Martine
Umunyamabanga mukuru : Kazuguri Jules-César
Icegera c'umunyamabanga : Isirabahenda Selemani
Ajejwe ububiko : Richard
Icegera ciwe : Hervé Kwizera

Abarongoye ibisata mw'ishirahamwe

Uwurongoye igisata c'indero : Niyungeko Alain-Olivier
Igisata c'ubutungane : Paris n'ivyegera vyiwe Doddy hamwe na Mugisha Maurlin
Igisata ca coordination : Bahati Vivier hamwe na Muhimpundu Inès
Igisata co gutumatumanako amakuru : Mpotela Emando , Gustave Niyonkuru hamwe na Amidou Hassan
Igisata c'ubuhinga: Ibiro bijejwe ubuhinga mu Burundi.

Abarongoye abandi mu ntara baratowe n'abandi bamenyereza bo muri buri ntara, hatowe babiri babiri baserukira inama nyobozi. Mu tuntu n'utundi, abamenyereza basabwe ko batokwongera gukora badafise amasezerano mu migwii yabo.

Iyindi nama izoba mu kwezi kwa Kigarama, tubibutse ko inama nkuru ya AECFB ifise ikiringo c'imyaka ibiri yo gukora.

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

Primus League, umusi wa 1

Aigle Noir 3-1 Flamb. de l'Est
Messager N. 3-1 Olympic Star
Musongati 1-1 Athletico Ol.
Les Lierres 4-2 Messager Bja
LLBs4A 1-0 Delta Star
Vital'O 1-0 Inter Star
Flamb. Centre 1-1 les Jeunes At.
Ngozi City 0-0 Buja City

Primus League, umusi wa 2

Vital'O 0-1 Buja City
Les jeunes 0-3 Les Lierres
Flamb. Est 2-3 Athletico Ol.
Musongati 1-1 Aigle Noir
Olympic S. 7-0 Delta Star
LLBs4A 3-1 Messager N.
Inter Star 0-1 Ngozi City
Flamb. Centre 5-2 Messager Bja

 

Primus league, umusi wa 3

Kuwa 23/09
Delta Star 15:00 (PLR) Ngozi City
Kuwa 24/09
Messager N. 15:00 (Urukundo) Vital'O FC
Aigle Noir 15:00 (Gitega) Les Lierres
Inter Star 14:00 (PLR) Olympic S.
Les Jeunes 16:00 (PLR) Musongati
Kuwa 25/09
Messager Bja 14:00 (PLR) Flamb. Est
Athletico Ol. 16:00 (PLR) Flamb. Centre
Kuwa 26/09
Buja City 15:00 (PLR) LLBs4A