FFB: Igisata c’ubuhinga catunganije inama yo kwihweza ivyokorwa mu gutegura neza ihiganwa

Vyanditswe itariki 23/08/2017 isaha 3:12:21

 

Kur'uyu wa gatatu 23 Myandagaro, igisata kijejwe ubuhinga mw'ishirahamwe FFB catunganije inama ku kigo « Centre Technique Nationale ». Intumbero y'iyo nama yari iyo gukora icegeranyo kw'ihiganwa ryarangiye 2016-2017(bilan), kwihweza hamwe icokorwa kugira ihiganwa rishasha rizogende neza kurusha. Hihwejwe kandi igenda ku bwinshi ry'abamenyereza n'abakinyi ko vyoshobora kuba intambamyi mu mupira wo mu Burundi hongera hihwezwa kandi ibiraba amasezerano y'abamenyereza bafitaniye n'imigwi.

Akamo katewe nuko buri mumenyereza yokora afitaniye amasezerano atomoye n'umugwi aba arimwo, abamenyereza bakaba kandi bahimirizwa gukora mu maguru masha imyidondoro y’akazi ariyo « CV » yabo. Iyo nama yabaye kandi akaryo keza ko kwerekanwa ku mugaragaro indongozi 3 zongewe mu gufasha ibiro bijejwe ubuhinga ku bijanye n'integuro yari yasabwe na benshi y’uko uturere 4 tugize igihugu twoba dufise indongozi zatwo, abo nabo ni:

- Nzeyimana Faustin arongoye akarere k’Uburengero, arongoye intara ya Ngozi, Kayanza,Kirundo,Muyinga.

- Habiyakare Gervais arongoye intara zo hagati hamwe n'Ubuseruko (Gitega, Karuzi,Cankuzo,Ruyigi)

- Nduwimana Majidi arongoye intara z'Ubumanuko (Rumonge, Bururi,Mwaro,Makamba,Rutana)

- Mupenda Mohsin hamwe na Kanega Alphonse barongoye intara za Cibitoke, Bubanza, Bujumbura rural,B ujumbura mairie hamwe na Muramvya.

Mwomenyako mu Burundi, abamenyereza bafise impapuro z'umutsindo zemewe na CAF (Licence A,B,C) ari 99 ( A:24 , B: 11, C:64) . Mu gusozera, umushingantahe Mupenda Mohsin arongoye igisata c’ubuhinga ku rwego rw’igihugu, yahimirije abamenyereza kuza baritabira amanama kuko ariyo yubaka akanatorera umuti ibibazo bitandukanye kuvyerekeye umwuga wabo.



Abagize urwego rw’ubuhinga n’abitavye inama

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

Mondial 2018, Itsinda A

Russie 5-0 Arabie S.
Egypte 0-1 Uruguay

Mondial 2018, Itsinda B

Maroc 0-1 Iran
Portugal 3-3 Espagne

Mondial 2018, Itsinda C

France 2-1 Australie
Pérou 0-1 Danemark

Mondial 2018, Itsinda D

Argentine 1-1 Islande
Croatie 2-0 Nigeria

Mondial 2018, Itsinda E

Costa Rica 0-1 Serbie
Bresil 1-1 Suisse

Mondial 2018, Itsinda F

Allemagne 0-1 Mexique
Suède 1-0 Corée du Sud

Mondial 2018, Itsinda G

Belgique 3-0 Panama
Tunisie 1-2 Angleterre

 

Mondial 2018

Kuwa 18/06, Itsinda G
Belgique 17:00 Panama
Tunisie 21:00 Angleterre