UEFA: Abakinyi bakomeye bashika kuri 20 bafise amasezerano aherana n'uyu mwaka w'inkino

Vyanditswe itariki 07/09/2017 isaha 16:46:12

 

Inyuma y’aho umupira wa Buraya wandikiye amateka y’akataraboneka mu kurenza imiliaridi 5 z’ama euros kw’isoko ryo kugura abakinyi ry’ici ry’uyu mwaka, ibijanye no kugura abakinyi canke kwongereza amasezerano n’imigwi bisa n’ivyafashe intumbero nshasha. Mu migwi ikomakomeye itandukanye ku mugabane wa Buraya, ibintu bigenda biguma mu bijanye n’ivyo abakinyi basaba kugira bongereze amasezerano, ari naco gituma dusanga hari abakinyi bakomakomeye bakiri mu myumvikano miremire n’imigwi yabo kugira bongereze amasezerano.

Uru rutonde ruriko abakinyi bitumwako bashika kuri 20 bafise amasezerano azosozerwa muri Ruheshi 2018, bisigura ko hageze ico gihe ata kindi barumvikana n’imigwi yabo bazoca bagenda aho bipfuza ataco umugwi usavye. Abo nabo ni:

Lionel Messi (FC Barcelone) afise imyaka 30,
Alexis Sanchez (Arsenal) 28,
Isco (Réal Madrid) 25,
Mesut Ozil (Arsenal) 28,
Andrés Iniesta (Barcelone) 33,
Fernandinho (Man city) 32,
João Moutinho (Monaco)30,
Juan Mata 28,
Juanfran (Athletico Madrid)32,
Giorgio Chielinni(Juventus de Turin) 33,
Marouane Fellaini (Man United) 29,
Yaya Touré (Man City) 34,
Franck Ribery (Bayern Munich) 34,
Delay Blind (Man Utd) 27,
Faouz Goulam (Naples) 26,
Emre Can (Liverpool) 23,
Mario Baloteli (Nice) 27,
Léon Gorstka(Shalke O4) 22,
Ander Herrera (Man Utd) 28,
Arjen Robben (Bayern Munich) 33.

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

Primus League, umusi wa 19

Ngozi City 1-0 Athletico Ol.
Flamb. Centre 3-0 Delta Star
Buja City 3-1 Les Jeunes
Inter Star 1-0 Les Lierres
Messager N. 1-0 Aigle Noir
Vital'O FC 1-0 Flamb. Est