FFB: Ingingo nshasha ku bakinyi n’imigwi mu kwitegurira Primus League 2017-2018

Vyanditswe itariki 07/09/2017 isaha 22:20:45

 


Ishirahamwe FFB ryaraye rimenyesheje abarongoye imigwi ihurikiye mu cicaro cambere, ko kuva uno mwaka w’inkino, abakinyi bazoba barekuriwe gukina ar’abazoba berekanye ibi bikurikira :

1. Icemezo c’ibipimo vyo kwa muganga vy’umutima « electrocardiogramme »
2. Icemezo c’igipimo c’amahama « radiographie du thorax »
3. Icegeranyo c’ibibazo bikorwa n’umuganga w’umugwi ku mukinyi « questionnaire d’évaluation d’aptitude physique »
4. Igipapuro gishasha cemeza ko umukinyi yaguzwe (certificat de transfert)
5. Amasezerano hagati y’imigwi yahanye umukinyi
6. Amasezerano hagati y’umukinyi n’umugwi agiye gukinira

Abakinyi badakwije ivyo bisabwa ntibazokwemererwa gukina mw’ihiganwa buca ritangura. Ku bijanye n’amagara, bashobora kwitura Dr Boniface Maronko arongoye igisata c’ubuvuzi, ibijanye n’amasezerano y’umukinyi navyo bigashobora kubazwa Youssouf Mossi arongoye igisata gitunganya inkino.

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 10

Messager Bja 0-1 Rukinzo FC
Flamb. Est 0-0 Kayanza Utd
Messager N. 0-0 Olympic S.
Flamb. Centre 1-2 Ngozi City
Buja City 1-0 Bumamuru FC
Les Lierres 1-0 Athletico Ol.
Vital'O FC 1-0 LLBS4A
Musongati FC 1-4 Aigle Noir

Primus Ligue, umusi wa 11

Athletico Ol. 0-1 Flamb. Est
Buja City 0-3 Flamb. Centre
Rukinzo 3-0 Messager N.
Olympic S. 1-1 Les Lierres
Ngozi City 1-2 Aigle Noir
Vital'O FC 1-0 Bumamuru FC
LLBS4A 0-3 Musongati
Kayanza Utd 2-1 Messager Bja

 

Primus Ligue, umusi wa 11

Kuwa 14/10
Kayanza Utd 15:00 (Urukundo) Messager Bja