FIFA The best Award: Cristiano Ronaldo niwe yaraye atahukanye agashimwe FIFA The Best 2017

Vyanditswe itariki 24/10/2017 isaha 9:02:33

 

Mw'ijoro ryo kur'uyu wa 23 Gitugutu mu gisagara ca Londres mu Bwongereza, haraye habaye ibirori vyo gutanga ubushimwe ku bantu bigenjeje neza mu mupira w'amaguru mu mwaka w'2017, ibirori vyiswe FIFA The Best Awards 2017. Abashitsi b'iteka batandukanye bava mu mihingo yose yo kw'isi baritavye ivyo birori harimwo abakinyi babiciye bigacika nka Diego Maradona,Ronaldo Lui De Lima Nazario, Samuel Eto'O, Frank Lampard n'abandi benshi

Muri ivyo birori hatanzwe ubushimwe butandukanye n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi FIFA ku bantu bigenjeje neza gusumba abandi:

Christiano Ronaldo: Umukinyi yigenjeje neza kurusha abandi mu bagabo

Sarina Weigman: Umukinyi yigenjeje neza kurusha abandi mu bigeme

Gianluigi Buffon: Umunyegori yasumbije abandi

Olivier Giroud : Igitsindo c'umwaka batazira Puskas

Celtic : Niyo yatwaye agashimwe k'abarorerezi beza basumbije abandi

FIFA 11 barushije abandi : Buffon, Alves , Marcelo, Bunnuci ,Ramos,Kroos ,Modric,Iniesta,Messi,Neymar hamwe na Cristiano

Zinedine Zidane : Umumenyereza yarushije abandi

Francis Kone : Yatahukanye agashimwe k'umukinyi yigenjeje neza mubijanye na (Fair Play) FIFA 2017.

Lionel Messi hamwe na Cristiano Ronaldo nibo bonyene bamaze gutahukana agashimwe k'umwaka incuro zitanu zitanu, umwe wese akaba amaze kwinjira mu rutonde rw'abakinyi beza b'umwaka incuro 11.




 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

Primus League, umusi wa 13

Messager N. 3-0 Athletico Ol.
Delta Star 0-2 Musongati
Flamb. Est 0-2 Les Lierres
Olympic S. 0-0 Vital'O FC
Ngozi City 0-3 Flamb. Centre
Aigle Noir 3-1 Inter Stars
LLBS4A 2-1 Les Jeunes At.
Messager Bja 0-2 Buja City

 

Primus League, umusi wa 12

Kuwa 19/11
Les Jeunes At. 16:00 (PLR) Buja City