Mundial India U-17: Ubwongereza nibwo bwatahukanye igikombe

Vyanditswe itariki 31/10/2017 isaha 10:47:49

 

Imigwi nserukiragihugu y’Ubwongereza mu bakiri bato ibandanya kuvyifatamwo neza.Inyuma y’aho abatarenza imyaka 20 batwariye “Tounoi de Toulon” n’igikombe c’isi muri Ruheshi, abatarenza imyaka 19 nabo bagatahukana igikombe ca Buraya muri Mukakaro, abatarenza imyaka 17 nabo baraye begukanye igikombe c’isi cariko kibera mu Buhindi batsinze Espagne 5-2 mu rukino rwanyuma kur’uyu wa 29 Gitugutu.
Umugwi wa Espagne niwo watanguye kwinjiza ibitsindo bibiri kubusa, munyuma niho Ubwongereza bwivyukiranya mu gusubiza mundumane Espagne no kurenzako urukino rurangira ari 5-2 ku kibuga Salt Lake Stadium mu gisagara ca Kolkota.

Abakinyi batanguye mu kibuga ku mpande zose :

Ubwongereza: Anderson (Man City); Sessegnon (Fulham), Guehi (Chelsea), Latibeaudiere (Man City), Panzo (Chelsea); McEachran (Chelsea), Oakley-Booth (Tottenham); Foden (Man City), Gibbs White (Wolves), Hudson-Odoi (Chelsea); Brewster (Liverpool)

Espagne: Fernandez (Malaga), Jaume (Barcelona), Chust (Real Madrid), Guillamon (Valencia), Miranda (Barcelona); Blanco (Real Madrid), Moukhliss (Real Madrid); Gelabert (Real Madrid), Gomez (Barcelona), Torres (Valencia); Ruiz (Barcelona).

Rhian Brewster (England) niwe yatsinze ibitsindo vyinshi gusumba abandi (8),Gabriel Brazao atorwa nk'uwarushije abandi mw'ihiganwa ryose.
Ikibanza ca gatatu catahukanywe na Brasil batsinze 2-0 bwa Mali waciye ufata ikibanza ca kane



 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

Mondial 2018, Itsinda A

Russie 5-0 Arabie S.
Egypte 0-1 Uruguay

Mondial 2018, Itsinda B

Maroc 0-1 Iran
Portugal 3-3 Espagne

Mondial 2018, Itsinda C

France 2-1 Australie
Pérou 0-1 Danemark

Mondial 2018, Itsinda D

Argentine 1-1 Islande
Croatie 2-0 Nigeria

Mondial 2018, Itsinda E

Costa Rica 0-1 Serbie
Bresil 1-1 Suisse

Mondial 2018, Itsinda F

Allemagne 0-1 Mexique
Suède 1-0 Corée du Sud

Mondial 2018, Itsinda G

Belgique 3-0 Panama
Tunisie 1-2 Angleterre

 

Mondial 2018

Kuwa 18/06, Itsinda G
Belgique 17:00 Panama
Tunisie 21:00 Angleterre