Primus Ligue: Abakinyi bahiganirwa agashimwe k’umukinyi w’umwaka bamenyekanye

Vyanditswe itariki 28/05/2018 isaha 24:53:57

 

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB rihejeje gushira ahabona amazina atatu y’abakinyi bahiganirwa agashimwe k’umukinyi yaranze ihiganwa rya Primus Ligue 2017-2018. Abo nabo ni Jonathan Nahimana umunyegori wa Vital’O FC, Urasenga Danny Cédrick umukinyi wo hagati na kizigenza wa Messagerr Ngozi hamwe na Shaka Bienvenue umusatirizi wa Aigle Noir.

Abo bakinyi batowe n’umugwi ugizwe n’abamenyeshamakuru n’abamenyereza, bakaba batoye mu mazina 10 yari yashizwe ahabona n’umugwi wa FFB utegura ibikorwa vy’ubushimwe bwo gusozera ihiganwa. Hambavu y’abo batatu barushije abandi amajwi, harimwo Slim Saidi (Olympic Star), Pascal Ramadhan (Olympic Star), Iddy Museremu (Messager Ngozi), Sefu Thomson Ndizeye (LLBS4A), Fabien Mutombora (LLBS4A), Mabano Shabani (Aigle Noir) na Eric Kwizera (Les Lierres).

Izina ry’umukinyi w’umwaka mur’abo batatu rizomenyekana mu birori bidasanzwe « Soirée de gala » vyo gusozera ihiganwa bizoba kur’uyu wa gatanu igenekerezo ry’1 Ruheshi. Mur’ivyo birori nyene bizoba bitunganijwe ku ncuro yambere mu gusozera ihiganwa, hazotangwa ubundi bushimwe butandukanye harimwo bushasha buzoba butanguye uyu mwaka : ubushimwe ku bakinyi 11 bagize umugwi w’akarorero w’umwaka, agashimwe ku mukinyi muto yigenjeje neza (Révélation de l’année), agashimwe ku mumenyereza w’umwaka, agashimwe ku mukinyi yarushije abandi ibitsindo hamwe n’agashimwe ku mukinyi yigenjeje neza mu Barundi bakinira mu mahanga.



Jonathan Nahimana, Urasenga Danny Cédric na Shaka Bienvenue

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 13

Rukinzo FC 1-2 Buja City
Les Lierres 0-0 Bumamuru FC
Flamb. Centre 1-1 Flamb. Est
Aigle Noir 7-0 Athletico Ol.
Messager Bja 1-2 Messager N.
Vital'O FC 3-0 Ngozi City
LLBS4A 0-0 Olympic S.
Musongati 1-0 Kayanza Utd

Primus Ligue, umusi wa 14

Flamb. Est 0-1 Buja City
Flamb. Centre 1-2 Kayanza Utd
Olympic S. 3-1 Athletico Ol.
Ngozi City 1-1 Messager Bja
Vital'O FC 1-0 Musongati FC
Messager N. 2-1 Bumamuru FC
Aigle Noir 2-0 Les Lierres
LLBS4A 1-0 Rukinzo FC