Football: Amakuru y'abakinyi bashobora kudakina mu Burundi m’ihiganwa rikuru ry’umwaka w'umupira 2017-2018

Vyanditswe itariki 09.08.2017

 

Mu gihe imigwi nka yose imaze gutangura imyimenyerezo yo gutegura ihiganwa ry’icicaro cambere umwaka w’inkino 2017-2018, uno musi twashimye kubashikiriza amazina y’abakinyi bafashe ingingo yo gukinira hakurya y’amazi uno mwaka eka mbere n’abandi batari bake bari mu myumvikano ya kure n’imigwi yo mu mahanga. Muri rusangi, hari abakinyi batari bake bafashe inzira ija mu gihugu kibanyi c’Urwanda aho bakurikiriye abamenyereza nka Francis Mbaya Haringingo (Vital’O FC -> Mukura VS), Kanyenkore Gilbert (Bugesera FC), Ntakagero Omar (Athletico Olympic -> Kirehe FC), Jimmy Ndizeye (Espoir FC) abandi bakinyi bafata inzira y’ibihugu nka kenya, Ouganda canke Zambia.

 

Enock Sabumukama (messager Ngozi) na Paul Bukaba (Athletico Olympic) bari mu batazobarizwa muri Primus League uyu mwaka

 

Abakinyi bamaze kuja mu mahanga canke bariko baravyitegurira

 

Imbere yo kubashikiriza abo bakenye umugwi ku wundi, twobamenyesha yuko umumenyereza Amars Akbar Niyongabo yavuye muri Bujumbura City yiyunga na Stand United muri Tanzania, Etienne Ndayiragije nawe akaba abarizwa muri Simba Sport Club muri Tanzania nyene nk’icegera c’umumenyereza w’uwo mugwi. Turabire hamwe rero abakinyi bamaze gusohoka :

Messager Ngozi



Sabumukama Enock hamwe n'umunyegori Ntibahezwa Dieudonné bazokina mw'ihiganwa ryo mu gihugu ca Zambia mu mugwi witwa Zesco United, bakaba barasinye kuwukinira imyaka itatu ku bihumbi 20 vy’amadolari vyahawe Messager Ngozi kuri buri mukinyi. Umugwi Messager Ngozi wongeye umenyesha ko bahawe ibihumbi cumi vy’amadolari umw’umwe bimwe bita “prime à la signature” mu kinofunofu, baca bemererwa kuzoza barahembwa amadolari 1500 ku kwezi. Uwo mugwi uri mu kibanza cambere c’ihiganwa n’amanota 38, ukaba umaze gukina inkino 18/38 zigize ihiganwa. Ufise ibirarane bitatu kuko iyindi migwi imaze gukina inkino 21.




Umusatirizi Mizero Don Parfait batazira Drogba yakinira Zesco United abarizwa mu mugwi wa Nkwazi United uri mu kibanza ca 12 ukaba ufise ikirarane kimwe. Amakuru dukesha abarundi babayo bakurikirana ihiganwa batumenyesha ko avyifatamwo neza.

Vital'o Fc





Abakinyi babiri b'umugwi wa Vital'o Fc barasinye ku gatwe kabo mu mugwi wa Mbarara City ata mpusha (release letter) bararonka zivuye mu mugwi wabo. Abo nabo ni Barenge Pistis hamwe na Ndikumana Landry birvugwa ko umwanya n'umwanya bashobora kugaruka mu Burundi kuko ata mwumvikano uraba hagati ya Mbarara City na Vital’O FC kugira bagende hisunzwe amategeko n’ibindi vyose bisabwa.



Moussa Mossi Hadj yari yasinye gukinira umugwi wa Djibouti Télécom muri Djibouti bikaba bitamukundiye kubera ibikondoka yatumenyesheje ko amaze gutangura kuvugana n'umugwi wa Kiyovu Sports usanzwe ukinwamwo abarundi nka Blaise hamwe na Moustapha Francis Ndjali.


Kuri Nzigamasabo Styve yahora ari kizigenza wa Vital'o fc , ibintu vyaramaze kurangira kuko yasinye imyaka ibiri mu mugwi wa Bugesera akazomenyerezwa na Gilbert Kanyenkore batazira Yaoundé yamumenyereje igihe kitari gito muri Vital’O FC.




Nimubona Emery batazira Kadogo : umwanya n'umwanya ashobora kwiyunga na Bugesera FC nawe nyene kuko ubu abirizwa mu Rwanda kandi akaba ari umwe mu bakinyi bipfuzwa cane n'umumenyereza Yaoundé Kanyenkore.




Duhayindavyi Gaël yarangije amasezerano yo gukina muri Vital'o Fc inyuma y'imyaka ibiri awukiniye akaba yaraye ateye umukono ku masezerano yo gukinira umugwi wa Mukura Victory sport akaba ahasanze Ndayishimiye Christophe bakinanye muri Flamengo hamwe na Ciza Hussein bakinanye muri Athletico .Twobamenyesha ko yari yavuganye na Mbarara City wo mu Buganda ariko batahuje ku vyerekeye akanoti imbere yuko ahindurira mu Rwanda.




Mugihe yari agifise umwaka umwe mu masezerano yo gukinira Vital'o Fc, umusatirizi Bimenyimana Bonfils Caleb yasinye kw'igenekerezo rya 6/8/2017 ikiringo c'imyaka ibiri muri Rayon sport mu Rwanda. Muminota 10 amaze gukinira uwo mugwi amaze kwinjiza igitsindo kimwe mu rukino rwo kwitegurira ihiganwa, akaba yahasanze abandi barundi nka Kwizera Pierre hamwe na Nahimana Shasiri . Caleb akaba yaciye agaruka i Bujumbura kurondera ibipapuro bimuha uruhusha rwo gukina amahiganwa.

Lydia Ludic S4A



Umusatirizi Ndarusanze Jean-Claude : vyararangiye yaramaze gusinya amasezerano y'imyaka ibiri mu mugwi wa As Kigali.




Abandi bavugwa ni Kizigenza wabo Harerimana Rachid Léon ari mu biganiro n'umugwi wa Mukura Vs,muri inondwi niho azomenya ko azosigara canke ko azogenda kuko n'umugwi wa Rayon sport utanguye kumwegera




Ndikumana Trésor nawe yoba agiye gukinira umugwi wa Espoir Fc umenyerezwa na Ndizeye Jimmy batazira Giti, amakuru yanyuma tumuherukako yariko aravugana na Amagaju wo mucicaro cambere mu Rwanda nyene.

Muzinga Fc


Umukinyi w'inyuma Abou batazira Ambou agiye gukinira umugwi wa Mukura Victory Sport wo mugihugu c'Urwanda mukiringo c'imyaka ibiri .

Musongati Fc



Umunyegori bitumwako Rugumandiye Yvan wa Musongati ariko araronderwa hasi hejuru n'umugwi wa AS Port wafashe ikibanza ca kabiri mw'ihiganwa rya Djibouti, Yvan akaba yatumenyesheje ko ataravuga ijambo ryanyuma gushika ubu akiri muri Musongati.



Barirengako Franck, umukinyi wo hagati yahora muri Musongati FC azokinira Musanze FC wo mu Rwanda.

Athletico Olympic



Umusatirizi Alexis Kitenge Hakizimana yaramaze kwiyunga n’umugwi AFC Leopards wo mu cicero cambere muri Kenya akaba mbere amaze gutangura gukina kuko ihiganwa ryabo rikibandanya.




Moussa Omar batazira De Jong abarizwa mu gihugu c'Urwanda. Amakuru dufise naho vyagiye biranyegezwa nuko ari mu biganiro n'umugwi wa Bugesera umenyerezwa na Kanyenkore Gilbert Yaoundé, umwanya n'umwanya arashobora gusinya.




Bukaba Paul asanzwe afise ubwenegihugu bwo muri Tanzania, yagaragaye mu nkino zitar inke akinira inyuma muri uwo mugwi yarashize umukono ku masezerano yo gukinira umugwi wa Simba Sports Club muri Tanzania.

Urwo n'urutonde rw'abakinyi tumaze gutohoza ko ata gihindutse bashobora kutaboneka mw'ihiganwa rikuru ryo mucicaro ca mbere mu mwaka uza. M umakuru yacu akurikira tuzobaha urundi rutonde rw'abakinyi bahindaguye imigwi bakaguma mu Burundi n’abandi bongereje amasezerano mu migwi bahoramwo, hakaba mbere hari n’abakinyi bavuye mu mahanga baza mu migwi ya hano iwacu.

 

 

Amidou Hassan

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

Primus League, umusi wa 13

Messager N. 3-0 Athletico Ol.
Delta Star 0-2 Musongati
Flamb. Est 0-2 Les Lierres
Olympic S. 0-0 Vital'O FC
Ngozi City 0-3 Flamb. Centre
Aigle Noir 3-1 Inter Stars
LLBS4A 2-1 Les Jeunes At.
Messager Bja 0-2 Buja City

 

Primus League, umusi wa 12

Kuwa 19/11
Les Jeunes At. 16:00 (PLR) Buja City