Ishirahamwe Football Helps ryaraye risozeye ibikorwa vyo mu karuhuko n'ihiganwa ku bana b’abakobwa n'abahungu

Vyanditswe itariki 21.08.2017

 

Ishirahamwe Football Helps risanzwe rifasha abana b'impfuvyi n’abandi bana bo mu ma komines atandukanye y’igisagara ca Bujumbura mu kubaronsa inyigisho zo gukunda igihugu, izo kwifata runtu n’izindi zitandukanye z’ubuzima bwa misi yose ribicishije mu kubahuriza ku mupira w’amaguru, ryaratunganije ihiganwa ryo mu karuhuko ku bana bato b’abigeme n’abahungu. Kur’uyu w’Imana 20 Myandagaro, niho haba inkino zanyuma no gutanga ubushimwe butandukanye ku migwi yavyifashemwo neza kuruta iyindi muri 4 y’abigeme na 16 y’abahungu yari yitavye ihiganwa, ivyo birori bikaba vyabereye ku kibuga ca Comibu Nyakabiga benshi batazira Camsar.

 

Umunezero wari mwinshi ku bana baronse ubushimwe

 

Uko inkino zanyuma zagenze

 

Ku ruhande rw’abigeme, urukino rwanyuma rwahuje imigwi ya Etoile du Matin na Onze Filles. Abakinyi b’iyo migwi bar’abana b’abigeme batarenza imyaka 15, bakaba barerekanye impano zidasanzwe mu mupira w’amaguru. Imigwi yose uko ari ibiri yarasatiranye bikomeye igerageza kuronka ibitsindo navyo bikaba vyarabonetse kuko iminota 40 y’urukino (2x20’) yarangiye banganije 2-2. Ibintu vyagiye kudadanuka muri penalties, aho umunyegori wa Onze filles, yari yafashije cane umugwi wiwe mu rukino, yabereye ifuro ry’igiti abatera ku ruhande rwa Etoile du Matin, umugwi wa Onze Filles uca utahukana intsinzi ya penalties 3 kuri 2.

Ku ruhande rw’abahungu, nabo nyene bari abana bato bari musi y’imyaka 15, urukino rwanyuma rwabaye urw’abigeme ruheze, rwahuje imigwi ya Israel na Etoile de Dieu. Urwo rukino rwari rubereye ijisho cane, rurimwo ubuhinga bukomeye bwatanganje abarorerezi isinzi bari bahishikiye, rwarangiye ku ntsinzi ya Israel y’igitsindo 1-0 cinjijwe kuri coup franc ku munota wanyuma w’igice cambere.

 

Ijambo ry’urubanza n’ubushimwe bwatanzwe

 

Inyuma y’izo nkino n’umurisho w’ingoma w’urwaruka rwiga kuri Lycée du Lac Tanganyika, Ghyslain Irabaruta arongoye ishirahamwe Football Helps yarashikirije ijambo aho yashimira abitanze bose kugira ico gikorwa gishoboke harimwo abatanze uburyo, abatanze ivyigwa ku bana, abatanze ikibuga n’ibikoresho vyo gukina n’abamenyeshamakuru baherekeje ihiganwa kuva rigitangura. Yarongeya ahamagira abari aho bose kubandanya bashigikira uwo mugambi kuko ivyamwa bikomeye bitanguye kuboneka ku bana ryagiye riritaho mbere akaba yaraseruye umunezero udasanzwe w’uko ishirahamwe ryashoboye gutanguza amahiganwa n’ivyigwa vy’imibereho ku bana b’abigeme rifadikanije n’ishirahamwe Women Initiative for Development.

Inyuma y’iryo jambo, haciye hatangwa ubushimwe butandukanye:

Abamenyereza barushije abandi: Nshimirimana Ariella hamwe na Coach Gwayo baronse umwe wese umudari, ibahasha hamwe n'urupapuro rw'iteka (certificat).

Uruganda rw'abamenyeshamakuru narwo rwashimiwe muguhabwa ibahasha hamwe n'imidari.

Abakinyi bigenjeje neza gusumba abandi: Mu bakobwa ni Zabibu Moussa , yaronse umwambaro (maillot) hamwe n'umudari. Mu bahungu ni Kitenge Marcel (akina mu mugwi wa Israël Fc ) asanzwe avukana na Alexis Kitenge Hakizimana ubu abarizwa muri Léopards muri Kenya.

Abanyegori bifashe neza gusumba abandi : Mu bakobwa Nduwimana Alice yaronse umwambaro hamwe n'umudari. Mu bahungu Vyizigiro Bonfils akina mu mugwi wa Brother's man.

Mu bakobwa, umugwi wafashe ikibanza ca 3 ni Mubone Fc, umugwi wa 2 ni Etoile du matin, umugwi wa 1 ni Onze Filles, iyo migwi yose ikaba yaronkejwe amakaye cumi kuri buri mukinyi, imidari hamwe n’igikombe.

Mu bahungu, mugwi wafashe ikibanza ca 3 ni Ladak Fc ,waronkejwe amakaye 2 ku mukinyi ,imidari hamwe n'igikombe, umugwi wafashe ikibanza ca 2 ni Etoile de Dieu, waronkejwe amakaye 5 ku mukinyi, imidari hamwe n'igikombe, umugwi wambere nawo akaba ari Israel FC waronkejwe amakaye 10 ku mukinyi, imidari hamwe n'igikombe.

Utundi dushimwe twatanzwe: Mu bakobwa, abakinyi bo mu migwi itatu yahiganywe itashoboye gushika mugice ca nyuma baronkejwe ikaye imwe imwe ku mukinyi wese.
Ibirori vyari vyatanguye isaha umunani n’igice na defile y’abana bose bagize imigwi yitavye ihiganwa, vyagiye gusozerwa igice c’isaha cumin a zibiri mu kanyamuneza ntangere.

Amidou Hassan

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

Primus League, umusi wa 1

Aigle Noir 3-1 Flamb. de l'Est
Messager N. 3-1 Olympic Star
Musongati 1-1 Athletico Ol.
Les Lierres 4-2 Messager Bja
LLBs4A 1-0 Delta Star
Vital'O 1-0 Inter Star
Flamb. Centre 1-1 les Jeunes At.
Ngozi City 0-0 Buja City

Primus League, umusi wa 2

Vital'O 0-1 Buja City
Les jeunes 0-3 Les Lierres
Flamb. Est 2-3 Athletico Ol.
Musongati 1-1 Aigle Noir
Olympic S. 7-0 Delta Star
LLBs4A 3-1 Messager N.
Inter Star 0-1 Ngozi City
Flamb. Centre 5-2 Messager Bja

 

Primus league, umusi wa 3

Kuwa 23/09
Delta Star 15:00 (PLR) Ngozi City
Kuwa 24/09
Messager N. 15:00 (Urukundo) Vital'O FC
Aigle Noir 15:00 (Gitega) Les Lierres
Inter Star 14:00 (PLR) Olympic S.
Les Jeunes 16:00 (PLR) Musongati
Kuwa 25/09
Messager Bja 14:00 (PLR) Flamb. Est
Athletico Ol. 16:00 (PLR) Flamb. Centre
Kuwa 26/09
Buja City 15:00 (PLR) LLBs4A