N段giki cokorwa kugira uburyo buboneke mu nkino hano mu Burundi?

Vyanditswe itariki 12.08.2017

 

Iki n段kibazo kimaze igihe kinini mu bakunzi b段nkino hano mu Burundi, kuva ku bazikina, abazitunganya, abarorerezi eka mbere n但barundi batari bake bakurikiranira hafi ubuzima bw段gihugu na cane cane mur段yi misi havugwa abakinyi b置mupira w誕maguru benshi bariko bava mu migwi y段 Burundi bahurumbira iyo mu bihugu bibanyi. Mu gihe biboneka neza ko Uburundi buri mu bihugu vyambere mu bijanye n段mpano z段nkino mu karere turimwo, mbega ubukene bugaragara mu bakinyi no mu migwi mbere rimwe rimwe bukaja no mu migwi nserukirabihugu bwoshobora gutorerwa umuti Uburundi bugafata ikibanza bukwiriye mu nkino ? Mur置yu mwihwezo, tugomba dutange ivyiyumviro vy段vyokorwa mu kurwanya ubwo bukene, eka mbere no mu kwisununura uburyo bukaboneka mu migwi ya hano iwacu, abakinyi bakahatorera akajisho n段gihugu kigatera imbere vyisumbuye mu bijanye n段nkino.

 

Abakunzi b'inkino niwo mushinge mu kurondera uburyo mu nkino

 

Uko vyifashe ubu

 

Dufatiye ku kuntu imigwi ihagaze mu mwaka w段nkino 2016-2017 n置buzima abakinyi babayemwo, biraboneka cane ko hariho agahaze. Akarorero ni mu mupira w誕maguru, urukino rukundwa n誕bantu isinzi mu Burundi ariko ata ntambwe ruratera ku buryo bwobeshaho bishemeje abakinyi, abamenyereza, bene imigwi eka n誕bandi bose bakora ibijanye narwo usanga babayeho ubuzima buri hasi cane ugereranije n置kwitanga kwabo. Ivyo ni mu gihe umupira w誕maguru ari umwe mu myuga ibeshejeho neza abawukora mu bihugu bitari bike kw段si eka mbere n置mugabane wa Africa ukaba utanguye gutera iyo ntambwe harimwo n段bihugu bitari bike mu karere turimwo bigaca bituma abakinyi ba hano iwacu babihurumbira kugira barabe ko bobeshwaho n置mwuga wabo.Umupira w誕maguru siwo wonyene urimwo ingorane zikomeye z置bukene kuko no mu zindi nkino nka Basketball, Volleyball, Athletisme n段zindi biboneka ko Abarundi bafisemwo impano kurusha abo mu bihugu vyo mu karere, uburyo buracari ku rugero ruto cane kuburyo bisa n段bidashoboka ko umunonotsi yobeshwaho n置mwuga wiwe atagiye mu mahanga.

Birashoboka ko hogira igikozwe ngo ibintu bihinduke, abana bato baronke icitegererezo bakure bafise icifuzo co kugira inkino umwuga bivanye n誕gaciro babona zifise, nk置ko biri mu bihugu bimaze gutera iyo ntambwe, ari navyo bituma haboneka imigwi n誕banonotsi bafise urugero rushikana igihugu mu mahiganwa mpuzamakungu bakazana imidari n段bikombe bigitera.

 

Hokorwa iki kugira inkino zijemwo uburyo ?

 

Inyishu y段ki kibazo yega umukunzi w段nkino zo mu Burundi aho ari hose, ari naco gituma inyishu iri mw段huriro ry段vyiyumviro vyinshi bamwe bamwe botanga maze hakavamwo ingingo zihindura ibintu. Iciyumviro duterera mur置yu mw段hwezo n段ki gikurikira : ォ Hakwiye kuba imigenderanire hagati y段mice itanu igizwe n誕bakunzi b段nkino (Public) n誕mashirahamwe ntunganyankino (F馘駻ations), amashirahamwe y置budandaji (Entreprises), imigwi n誕bayigize (Clubs) hamwe n段binyamakuru (media) サ. Turabire hamwe uko iyo migenderanire yokorwa :



Abakunzi b段nkino (Public, Fans)

Abakunzi b段nkino niwo mutima wo guziteza imbere no kuzironsa uburyo, niwo mushinge wo kwubaka inkino zifise uburyo, zamamaye kandi zisohora abakinyi b置rwego rwo hejuru. Igikorwa cabo mu kuronsa uburyo inkino kigizwe no:

- gukunda no gushika ku bibuga kurorera inkino za hano iwacu

- gutegura indirimbo n段vyo vyose bihayagiza imigwi bakunda kugira ikinane ishaka

- kudahengeshanya kugura ibikoresha vyinshi bishoboka bihayagiza isanamu y段migwi
bakunda (produits deriv駸) mu gihe bihari: amadarapo, imyambaro, inkofero, calendriers, n段bindi vyinshi

- gukora ikindi kintu cose cotuma umugwi uronka uburyo haba kuwuterera, kugura amakarata y置bunywanyi n段bindi vyose vyo gufata mu mugongo umugwi

Mu gihe abakunzi b段nkino boba bamaze kufata iyi ngendo, kugira uburyo bukomezwe bishimishije mu nkino hoca hakomezwa imigenderanire na ya mice yindi ine:

Ama f馘駻ations ategerezwa kuborohereza mu gutunganya neza inkino naho zibera, kuburyo abarorerezi bose mu mice yose (abagabo, abana, abakenyezi, abahumure, ibimuga,) bashobora kuza kurorera bitabagoye kandi inkino zikaba ihurumbiro ry誕bantu bakeneye kuryoherwa mu myanya yabo y誕karuhuko,

Amashirahamwe y置budandaji abakeneyeko abaguzi b段vyo adandaza, ari naco gituma uko abarorerezi bagwira ari nakwo ibihayanishwa biciye mu nkino bibonwa na benshi bikagurwa gusumvya,

Imigenderanire hagati y誕bakunzi n段migwi yabo itegerezwa guhabwa ikibanza kinini cane kuko ariho imigwi ikwiye gukura igice kinini c置buryo ikoresha. Nk誕karorero, dufate umugwi ufise abarorerezi 2000 bitaba inkino zawo zose ukiniye i muhira izo nazo zikaba ari nka 20 ku mwaka, duce dufatira ku giciro c誕mafaranga 1000 FBu yo kwinjira kuraba buri rukino. Uwo mugwi uteguye amakarata y置bunywanyi y置mwaka azokoreshwa mu kwinjira kuraba inkino z置mwaka wose ku rugero nk置rwa 700FBu/rukino abakunzi bawo nabo bakayagura imbere y段higanwa, ushobora kwegeranya uburyo bungana na 28 000 000 FBU ushobora gukoresha muvyo ukenera mu gutegura ihiganwa. Abakunzi b置mugwi bahawe ikibanza gikwiye mu buzima bw段migwi bakunda nayo igakora ibishoboka mu kubereka urukino rumeze neza, nta nkeka ko uburyo bwokwisununura mu migwi.

Ibinyamakuru bitegerezwa kubaha amakuru y誕kanovera abashika ku nyota nabo bakitanga mu kuyagura iyo bikenewe. Ibinyamakuru nivyo jwi ry誕bakunzi bikongera bikabashikiriza itunganywa ry段nkino maze iyo migenderanire igakomeza urukundo rw段nkino mu bantu.

F馘駻ations

Amashirahamwe ntunganyankino niyo muvyeyi w段nkino, niyo azirongora, akaziha intumbero, amategeko, eka niyo ajejwe ubuzima bw段nkino ari naco gituma afise uruhara runini cane mu kuzishiramwo uburyo. Igikorwa nyamukuru akwiye gukora n置kwongereza urugero rw段tunganywa ry段nkino haba mu gutegura intonde zazo ku gihe no gutunganya neza ibikenerwa vyose kugira zibe, maze agashira inguvu nyinshi mu kivi co guhimiriza ababishoboye bose gushigikira inkino.

Imigenderanire y誕ma 吐馘駻ations n誕bakunzi igizwe ahanini no kuborohereza no kubatunganiriza neza aho inkino zibera mu kubaronsa ivya nkenerwa vyose kugira kurorera inkino bibe nk段kirori koko gihurumbirwa kandi citabwa na bose.

Imigenderanire yayo n誕mashirahamwe y置budandaji ihagaze ku masezerano yo gufata mu mugongo inkino ajana no guhayanisha ibidandazwa vyayo, ayo masezerano nayo n段ngene ashirwa mu ngiro akaba akwiye gutunganywa ku buryo haba ku begwa n段zo nkino no kur誕yo mashirahamwe, umwe wese atunganirizwa mu vyo yipfuza gushikako.

Imigenderanire yayo n段migwi n誕bayigize iri mu bikorwa vyayo vya misi yose ikaba ikwiye kwubakirwako vyisununuye haba mu guhimiriza imigwi gufata neza abakinyi, mu kuyorohereza mu bijanye n段tunganywa ry段nkino no kuyimurikira mu bijanye no kurondera amashirahamwe y置budandaji yo gukorana. Imigwi nayo nyene ifise ivyo itegerezwa kubazwa n誕ma 吐馘駻ations haba mu bijanye n段tunganywa ry置butunzi bwayo n段bindi bijanye n置buzima bwa misi yose, iyo migenderanire akaba ari ngombwa cane kugira inkino zibe imyuga koko.

Imigenderanire yayo n段binyamakuru ni kirumara cane mu kwamamaza inkino no kuzikundisha abantu. Nk誕karorero, ibihayanishwa n誕mashirahamwe aba yatanze uburyo ntibishobora gushika kure ibinyamakuru bitabigizemwo uruhara, ku rundi ruhande naho, ibinyamakuru ntibishobora kuronka amakuru amwamwe ajanye n段tunganywa ry段nkino adakoranye n誕ma 擢馘駻ations. Iyo mice ibiri ikwiye gukorana ikagiranira amasezerano atomoye kugira haboneke amakuru y誕kanovera ku nkino nyinshi kandi ashikira benshi

Amashirahamwe y置budandaji (Entreprises)

Imice ibiri twahereyeko ahanini isohora uburyo ikunguka kurorera inkino nziza zitunganije neza, ariko uyu muce wa gatatu wowo ushobora kwunguka mu mafaranga ku rugero runini cane, ubicishije mu nkino. Ico akwiye gukora n置gufata mu mugongo inkino ubicishije mu masezerano yo kwamamaza ivyo akora ugirana n誕ma f馘駻ations, n段migwi, n誕bakinyi canke n段binyamakuru. Mu gihe ibikenewe kugira abakunzi b段nkino bazihurumbire bizoba vyakozwe, nta nkeka ko ayo mashirahamwe azoshika ku migambi yabo y置budandanji abaicishije mu mutahe wo gushira uburyo mu nkino.

Imigwi n誕bayigize (Clubs)

Inkino zubakira ku migwi ari naco gituma imigwi nayo nyene ifise uruhara runini mu kurondera uburyo. Twabonye uburorero butari buke mu vyotuma imigwi ironka uburyo biciye mu migenderanire n誕bakunzi bayo n誕mashirahamwe y置budandaji ariko kur段vyo hokwiyongerako igikorwa gikomeye co gutunganya neza ibikorwa vyayo mu kugira inzego zitandukanye ziraba ubuzima bwayo, mu kuronsa abakinyi n誕bamenyereza ivya nkenerwa mu mirimo yabo no gukora ibiyega vyose kugira abakinyi n誕bayikoramwo babe abanyamwuga koko. Imigwi ikwiriye kandi kugiranira imigenderanire n段binyamakuru mu bijanye no kuyirondera abakunzi mu mpande zose z段gihugu no kumenyesha abakunzi bayo ubuzima bwa misi yose muri yo, ivyo navyo bigashobora gukorwa mu masezerano yo gukorana vy置mwihariko.

Ibinyamakuru (Media)

Ibinyamakuru nivyo kiraro hagati y段yi mice yose twadondaguye kuko arivyo bishikanira umwe ico uwundi ariko arakora, bikaba rero bifise igikorwa gihambaye cane kuko guha iteka inkino za hano iwacu canke kuzisibanganya vyose biri mu maboko y段binyamakuru. Iruhande y段bikorwa bikenewe cane vyo guhimiriza abakunzi gushika ku bibuga, ivyo guhayagiza abakinyi, ibidandazwa canke ibikorwa bitandukanye vyo mu buzima bw段nkino, ibinyamakuru birakwiye guhagurukira ikintu cihutirwa cane arico gutororokanya no gukoresha ibiharuro (Statistiques). Imyihwezo (analyses) y段binyamakuru ifatiye ku biharuro ishobora gufasha mu kumenya impavu z置mwimbu mwiza canke mubi, mu gutegura imigwi biciye mu kumenya urugero nyakuri rw誕bakinyi, eka mbera bigafasha mu kugabanura impari no gutungana intoke ata kindi bizana atari umwijima mu nkino, kwinubana no kuzisubiza inyuma. Kugira iyo ntambwe ishikweko, hakenewe ivyigwa bitunganije neza no kugira imigenderanire ikomeye n段yindi mice nk置ko twagiye turabigarukako.

Kuronsa uburyo inkino za hano iwacu n段gikorwa cega benshi kandi bikaba biboneka neza ko cihutirwa. Dufatiye kur段bi vyiyumviro twatanze, biraboneka ko ahanini igikenewe ari ugushaka no gutahurana mu vyokorwa maze buke buke uburyo bugatangura kwisunura mu nkino za hano iwacu. Mushobora kuba mufise ico muterera namwe, tubahaye ikaze hano muri ォ commentaires サ canke mutwandikire kuri ォ info@burundisport.com サ

Di鑒ue Nifasha

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

Primus League, umusi wa 13

Messager N. 3-0 Athletico Ol.
Delta Star 0-2 Musongati
Flamb. Est 0-2 Les Lierres
Olympic S. 0-0 Vital'O FC
Ngozi City 0-3 Flamb. Centre
Aigle Noir 3-1 Inter Stars
LLBS4A 2-1 Les Jeunes At.
Messager Bja 0-2 Buja City

 

Primus League, umusi wa 12

Kuwa 19/11
Les Jeunes At. 16:00 (PLR) Buja City