CHAN 2018 : Umugwi w'Intamba wafashe urugendo ugana Sudani gukina urukino rwo gusubiriza

Vyanditswe itariki 26.07.2017

 

Kur’uno wa gatatu 26 Mukakaro, niho umugwi nserukiragihugu w’abakinira i Burundi wafata urugendo ugana igihugu ca Sudani aho uzokina n’umugwi waho mu rukino rwo gusubiriza mu kurondera itike rya CHAN 2018. Umugwi wafashe urugendo ugizwe n’abakinyi 18, abamenyereza batatu, umuganga n’umumenyeshamakuru hamwe n’abandi bane baserukiye ubushikiranganji n’ishirahamwe FFB. Baza gushika mu gisagara ca Khartoum mw’ijoro ry’uno musi, bazoce bazinduka bafata iyindi ndege ibashikana mu gisagara ca Obeid ari naho bazokinira kuwa gatandatu 29 Mukakaro isaha imwe yo mw’ijoro mu masaha y’i Burundi.

 

Bamwe mu bakinyi b'Intamba imbere yo kwurira indege

 

Abagize umugwi wafashe urugendo

 

1. Nahimana Jonathan
2. Mutombora Fabien
3. Moussa Omar
4. Harerimana Rachid Léon
5. Nshimirimana David
6. Ndoriyobija Éric
7. Ndikumana Trésor
8. Barisize Nassor
9. Ndayishimiye Youssouf
10. Ndikumana Moussa
11. Urasenga Cédric Danny
12. Duhayindavyi Gaël
13. Nahimana Claude
14. Ndarusanze Jean-Claude
15. Bimenyimana Bonfils Caleb
16. Idi Saidi Djuma
17. Barirengako Franck
18. Habonimana Célestin

19. Niyungeko Alain Olivier /Umumenyereza mukuru
20. Bipfubusa Joslin /Icegera c'umumenyereza
21. Amidou Hassan /Umumenyereza w'abanyegori
22. Dr Maronko Boniface /Umuganga
23. Nitunga Firmin /Umumenyeshamakuru
24.Nimubona Arcade /FFB
25.Muyenge Alexandre /FFB
26. Yussuf Mosi /FFB
27. Nzeyimana. Laurent /Ubushikirangaji buraba inkino

Tubibutse ko mu rukino rutangura, iyo migwi yompi yanganije 0-0, bisigura ko Uburundi bushobora kubandanya ar‘uko butsinze urwo rukino rwo gusubiriza, bunganije hinjiye ibitsindo, canke bukanganya 0-0 nyene maze bukarusha Sudani kuri za penalties. Abakinyi 18 bafashe urugendo harimwo 17 bari ku rutonde rw’urukino rutangura, umukinyi Sudi Ntirwaza akina hagati muri Musongati niwe yasubirijwe na Celestin Habonimana, umusatirizi wa LLBs4A.

 

 

burundisport.com

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

Primus League, umusi wa 1

Aigle Noir 3-1 Flamb. de l'Est
Messager N. 3-1 Olympic Star
Musongati 1-1 Athletico Ol.
Les Lierres 4-2 Messager Bja
LLBs4A 1-0 Delta Star
Vital'O 1-0 Inter Star
Flamb. Centre 1-1 les Jeunes At.
Ngozi City 0-0 Buja City

Primus League, umusi wa 2

Vital'O 0-1 Buja City
Les jeunes 0-3 Les Lierres
Flamb. Est 2-3 Athletico Ol.
Musongati 1-1 Aigle Noir
Olympic S. 7-0 Delta Star
LLBs4A 3-1 Messager N.
Inter Star 0-1 Ngozi City
Flamb. Centre 5-2 Messager Bja

 

Primus league, umusi wa 3

Kuwa 23/09
Delta Star 15:00 (PLR) Ngozi City
Kuwa 24/09
Messager N. 15:00 (Urukundo) Vital'O FC
Aigle Noir 15:00 (Gitega) Les Lierres
Inter Star 14:00 (PLR) Olympic S.
Les Jeunes 16:00 (PLR) Musongati
Kuwa 25/09
Messager Bja 14:00 (PLR) Flamb. Est
Athletico Ol. 16:00 (PLR) Flamb. Centre
Kuwa 26/09
Buja City 15:00 (PLR) LLBs4A