Igikombe c’Ubumwe : Vital’O Fc na Messager Ngozi niyo izokina urukino rwanyuma

Vyanditswe itariki 11.01.2017

 

Kur’uyu wa 10 nzero ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore c’i Bujumbura, hari haramutse hakinwa inkino z’igice ca kabiri gishira icanyuma c’igikombe gishasha citiriwe Ubumwe bw’Abarundi. Izo nkino zahavuye ziba ikirori c’akataraboneka aho isinzi ry’abakunzi b’umupira w’amaguru ryakubise riruzura mu bwugamo no ku mpande z’ikibuga ku rugero bamwe bemeje ko ari imbonekarimwe mu myaka 10 iheze bikanatangaza kurusha kuko izo nkino zari zatunganijwe hagati mu ndwi. Muti rero vyagenze gute?

 

Abakinyi ba Messager Ngozi n'umumenyereza bariko bashimira abakunzi babo bari bagize urugendo ku bwinshi

 

Urukino rwahuje Musongati Fc na Messager Ngozi

 

Isaha indwi n’inusu (13 :30) niho urukino rwambere rwatangura, rukaba rwahuje imigwi yarushije iyindi hagati mu gihugu ariyo Musongati FC na Messager Ngozi. Iyo migwi uko ari ibiri yaje yazikenyeye kandi yaherekejwe n’abakunzi isinzi. Umugwi wa Musongati watanguje umukenyuro wa 3-5-2 umugwi wa Messager Ngozi nawo utanguza umukenyuro wa 4-2-3-1:






Mu gice cambere c’urukino umugwi wa messager Ngozi niwo warushije ubukerebutsi umugwi wa Musongati utako wironkera igitsindo ku munota wa 30 cinjijwe n’umusatirizi akerebutse cane Enock Sabumukama. Mu gice ca kabiri, Musongati yazanye iyindi sura urasatira bikomeye umugwi wa Messager vyaboneka ko basubiye inyuma. Ku munota wa 88 w’urukino, Musongati wararonse igitsindo cinjijwe na Musore Aaron ariko umuhagarikizi aracanka bivanye n’uko mugenziwe Dunia Ndayisenga yari yaraririye. Inyuma y’ico gitsindo canswe Musongati baradebukiwe bituma Messager inatangura gusatira mu minota yanyuma, urukino ruca rurangira ata kindi gitsindo cinjiye.

Amasanamu twabateguriye y’igitsindo ca Musongati canswe kubw’ukurarira


 

Urukino rwahuje Vital’O FC na LLBS4A

 

Isaha icenda n’inusu (15 :30) imigwi ya Vital’O FC na LLB yaciye yinjira ku kibuga cari kimaze kwuzura isinzi ry’abarorerezi, abari bavuye hagati mu gihugu gushigikira Musongati na Messager bakaba baer bagumye ku kibuga gukurikirana urwo rukino narwo. Iyo migwi yompi yatanguje umukenyuro wa 4-2-3-1:






Umugwi wa Vital’O Fc niwo wiganziye iminota 30 yambere y’urukino aho utatevye kubona igori ku munota wa 23 umukinyi wabo wo hagati Junior Kavumbagu aciye mu ryahumye abakinyi b’inyuma ba LLB ku gitsindo c’umutwe ku mupira mvamfuruka (corner). Haheze akanya gato gusa, ku munota wa 28, umukinyi Steve Nzigamasabo yateye umupira mwiza cane ukubita ku mwamba, LLB uba urakize 2-0 n’iminota 30 itarahera. Mu gice ca kabiri, LLB yaje ifise ishaka riboneka aho waronse ama coup francs ari mu kibanza ciza yikurikiranya ku munota wa 53 ariko ntihagira ico bakuramwo. LLL warasubiye kandi uhusha igitsindo ku mupira w’umutwe utewe na Kaze Gilbert batazira Demunga ku munota wa 72, hahaze iminota itatu gusa Vital’O yankiwe igitsindo kubera kurarira. Urukino rwagiye kurangira ata gihindutse kiretse ikarata itukura Demunga nyene yaronse ku munota wa 92 w’urukino.

Amasanamu y’igitsindo ca Vital’O FC



Imigwi ya Vital’O Fc na Messager Ngozi rero niyo izoca ihura mu rukino rwanyuma, iyo migwi ikaba imaze guhura kenshi, mbere ikaba ari nayo yahuye mu rukino rwanyuma rw’igikombe c’Umukuru w’Igihugu aho Messager Ngozi yatahukanye intsinzi. Ibijanye n’urwo rukino rwanyuma n’ibiharuro vyoduha umuco tuzobigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.

Jason Neretse

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

Igikombe c'Umukuru w'Igihugu, finale

Messager N. 1-2 Olympic Star