Primus League: Imigwi ya Messager Ngozi na Vital’O FC yaraye itsinzwe mu nkino z’ikirarane z’umusi wa 20

Vyanditswe itariki 23.02.2017

 

Ihiganwa rya Primus ryari ryarahagaze mu kwezi kwa Ruhuhuma mu ntumbero yo gufasha imigwi Le Messager w’i Ngozi na Vital’O FC kwitegurira inkino za CAF yaserukiramwo Uburundi. Ni muri iyo ntumbero nyene iyo migwi yari yakuweko inkino z’umusi wa 20 aho Vital’O wari kugendera Musongati, LLb nawo ukakira Messager Ngozi. Kur’uyu wa gatatu 22 Ruhuhuma niho izo nkino zakinwa zikaba zari zitabwe n’abantu isinzi haba i Bujumbura canke i Gitega.

 

Igitsindo ciza cane cinjijwe na Rashid Léon acenze abakinyi b'inyuma ba Messager Ngozi

 

Umugwi LLBS4A wararushije mu rukino no mw’ishaka umugwi wa Messager Ngozi uwutsinda 1-0

 

I Bujumbura ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore, abakunzi b’umupira w’amaguru bari bishikiye ku bwinshi gukurikirana urukino hagati y’imigwi LLB na Messager Ngozi iri mu yisanzwe ikina umupira w’ubuhinga ubereye ijisho. Inyuma y’imisi ine gusa Messager utsindiye KVZ wo muri Zanzibar 3-0 kur’ico kibuga, umumenyereza wawo yari yashimye kuruhurira abakinyi ngenderwako bamwe bwamwe nka Enock Sabumukama ncanke Dany Cédric Kagabo batanguye ku ntebe y’abagombora.

Mu minota itanu gusa urukino rutanguye, LLB wari umaze kwironkera amahirwe agaragara yo gutsinda kabiri kose, bikaba vyaraboneka ko Messager ufise ibibazo vyo kwitunganya mu kibuga.Igice cambere c’urukino cabandanije n’iyo sura nyene, gushika naho Rashid Léon, umukinyi w’inyuma na kizigenza wa LLB, acenda abakinyi b’inyuma ba Messager aca aratsinda ku munota wa 36. Mu gice ca kabiri, naho abakinyi bitumwako ba Messager Enock (yinjiye ku munota wa 22 mu gice cambere asubirira TonyIrambona yakomeretse) na Kagabo (yinjiye igice ca kabiri gitanguye) bari mu kibuga, vyaraboneka ko muri rusangi urukino bariko barerekana rudashemeye kugira rubahe itsinzi. Mwomenya kandi ko iminota 15 yanyuma y’urukino Messager Ngozi wayikinye ufise abakinyi 10 gusa mu kibuga kuko Iddy Museremu, yari yasubiriye Fataki Intelligent, yarakomeretse umugwi wahejeje kwinjiza abakinyi batatu basubirira abandi. Urukino rwagiye kurangira ku ntsinzi ya 1-0 ya LLB Messager werekanye umupira uri kure cane y’uwo bakinye ku mus iwa gatandatu.

 

I Gitega, Musongati waraye usubiye gutsinda umugwi ukomeye muri Primus League

 

Inyuma y’aho Musongati utsindiye Athletico 2-1 ku musi wa 19 w’ihiganwa, waraye wirahiye Vital’O FC kur’iyo ntsinzi nyene. Urukino rwari rwitabwe n’abantu isinzi bakoma amashi bakaririmba mu gushigikira umugwi wa Musongati. Ibitsindo vya Musongati vyinjijwe na saidi Irakoze ku munota wa 27 hamwe na ranck Barirengako, umukinyi yatowe na burundisport.com nk’umukinyi yaranze ukwezi kwa nzero, ku munota wa 36. Hagati y’ivyo bitsindo, Vital’O wari wishuye icambere ubicishije kuri Gael Duhandavyi ku munota wa 31.
Mu gice ca kabiri , Vital'O FC ndetse na Musongati FC ntako batagize mukuraba ko bokwongereza ibindi bitsindo mugabo ntivyakunze, umunyegori wa Musongati akaba yavyifashemwo neza mu gusama imipira nka yose yava kumfuruka kuruhande rwa Emery Nimubona na Kiza Fataki wa Vital'o FC.

Tubibutse ko Vital'O FC na Messager Ngozi bari bamaze ukwezi kwa Ruhuhuma mu myiteguro no gukina inkino z’imigwi za CAF zakurikiranye mu kiringo gito. Abakurikiranye inkino z’ejo barashoboye kubona ko isura y’urukino Messager na Vital’O berekanye itari ishemeye na gato bikaba vyaragaragara ko abakinyi b’iyo migwi barushe ugereranije na bagenzi babo bari bamaze imisi badakina amahiganwa. Abandi bahinga twashoboye kuganira batumenyesheje ko gutsindwa kw’iyo migwi bishobora kuba biva ku ngorane yo kugumiza urwego rw’ishaka mu kibuga rungana bahinduye ihiganwa, ivyo bikaba biboneka no mu migwi imwimwe yo mu bindi bihugu, akarorero ko hafi kakaba kari ku mugwi wa PSG wanyagiye FC Barcelona 4-0 muri UEFA Champions League ugaca unganya 0-0 n’umugwi wa Toulouse mu rukino rukurikira mw’ihiganwa ry’Ubufaransa.

Inyuma y'itsinzi y'ejo, LLb waciye ufata ikibanza ca kabiri c'ihiganwa Vital'O nawo umanuka muca gatatu ( burundisport.com/primusleague )

Jason Neretse

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

Primus League, umusi wa 6

Delta Star 0-2 Flamb. Est
Athletico Ol. 0-2 Olympic Star
Aigle Noir 4-0 LLBS4A
Messager Bja 1-1 Ngozi City
Buja City 1-3 Les Lierres
Messager N. 4-3 Musongati
Les Jeunes At. 1-3 Vital'O FC
Inter Star 1-2 Flamb. Centre

Primus League, umusi w'7

Les Jeunes 0-2 Aigle Noir
LLBS4A 2-1 Athletico Ol.
Flamb. Centre 0-1 Buja City
Messager N. 3-0 Delta Star
Ngozi City 0-1 Musongati
Olympic S. 1-0 Les Lierres
Messager Bja 0-1 Vital'O FC
Flamb. Est 1-0 Inter Star

 

Primus League, umusi w'8

Kuwa 20/10
Messager Bja 14:00 (PLR) Aigle Noir
Les Lierres 16:00 (PLR) Flamb. Centre
Kuwa 21/10
Vital'O FC 15:00 (Ivyizigiro) Ngozi City
Les Jeunes At. 16:00 (PLR) Athletico Ol.
Olympic S. 15:00 (Umuco) LLBS4A
Kuwa 22/10
Buja City 14:00 (PLR) Delta Star
Inter Star 16:00 (PLR) Messager N.
Musongati FC 15:00 (Gitega) Flamb. Est