Primus Ligue: Messager Ngozi waraye utahukanye igikombe, Inter Star nawo ukoroka mu cicaro ca kabiri inyuma y’imyaka 29

Vyanditswe itariki 27.05.2018

 

Ihiganwa ry’icicaro cambere Primus Ligue Burundi 2017-2018 ryasozerewe kur’uyu w’Imana n’inkino 2 zari zisigaye mu musi wa 30 ari nawo wanyuma. Gushika kur’iyo ndwi yanyuma y’ihiganwa, ibintu ntivyari bwadadanuke ku mugwi utahukana igikombe hagati ya Messager Ngozi na LLBS4A yariko irakigwanira, imigwi yari isigaye ar’ibiri gusa ishobora kugitahukana inyuma yo kwenurira iyindi yose. Ku rundi ruhande, imigwi ya Les Jeunes Athlétiques na Delta Star yari yamaze gutakaza icizere co kuguma mu cicaro cambere, ikaba yar’aronse umugwi udasanzwe uzoyiherekeza ariwo Inter Star.

 

Abasore bamenyerezwa na J-J Eydélie bahejeje guhabwa igikombe ca Primus Ligue 2017-2018

 

Messager Ngozi wihaye icizere mu musi wa 29 uca usozera igikorwa mu wa 30

 

Umusi wa 29 wari witezwe cane n’abakunzi ba Primus Ligue kuko war’ufise inkino 2 zidasanzwe ku kibuga Urukundo c’i Buye. Kuwa 23 Rusama, Ngozi City wakira Inter Star, imigwi yari mu rugamba rwo kuguma mu cicaro cambere, bukeye naho hakaba hari hategekanijwe urukino Messager Ngozi – LLBS4A, urukino rwabonwa nka “finale” ya Primus Ligue, kuko iyo migwi yanganya amanota 66, bigatuma uwutsinda azobe yihaye amahirwe yo gutahukana igikombe.

Izo nkino uko ari zibiri zabonetsemwo ishaka ridasanzwe kandi zikaba zitabwe n’abarorerezi isinzi. Ngozi City wirahiye Inter Star 1-0 uba uronse icese uburenganzira bwo kuguma mu cicaro cambere, bukeye naho Messager Ngozi utsinda bitoroshe na gato LLBS4A 2-1 uca ufata ikibanza cambere urusha LLBS4A amanota 3. Ariko naho vyari bimeze uko, bivanye n’uko LLBS4A wari watsinze Messager 3-1 mu rukino rutangura, bigaca bihura n’uko Messager Ngozi wakina na Olympic Star mu rukino rwanyuma LLB nawo uriko ukina na Delta Star, ibintu ntivyari bwarangire na gato kuko iyo migwi ibiri yose yashobora gutahukana igikombe.

Mu rukino rw’umusi wa 30 i Muyinga, abakunzi ba Messager Ngozi babanje kugira ubwoba umwanya muto kuko Olympic Star ariwo watanguye gutsinda (Sibomana Abdul 17’) ariko ntivyateba Urasenga Danny Cedrick aca arashiramwo ica Messager kuri penalty (28’). Igice ca kabiri kigitangura, niho Messager waza gufata inzira y’igikombe kuko Nizigiyimana Ismail yaciye ashiramwo ica kabiri ku munota wa 47, urukino ruca rubandanya rurimwo ishaka ridasanzwe Messager ugerageza kuzigama itsinzi ariko Mwenebantu John abaca muryahumye mu mwanya w’agasunuzo (93’) urukino ruca rurangira banganije 2-2. I Gitega naho ku kibuga Ingoma, LLBS4A ntiwigeze uha akanya ko guhema Delta Star kuko wawusatiriye kuva urukino rugitangura uwunyagira ibitsindo 7-0, uca urangiza ihiganwa mu kibanza ca kabiri usumbwa inota rimwe gusa na Messager Ngozi.

Hambavu y’uko Messager Ngozi watahukanye igikombe cawo cambere mw’ihigana, umugwi wa Inter Star nawo ukaba waraye ukorotse mu cicaro ca kabiri inyuma y’imyaka 29 ubarizwa mu cambere, ikintu cababaje cane abakunzi bawo isinzi, ihiganwa ryasozerewe kur’uyu w’Imana ryaranzwe n’ibitanganza bitari bike, tukaba tugiye kubigarukako ido n’ido.

 

Uko imigwi yasozereye ihiganwa isumbana amanota

 

Messager Ngozi niwo wasozereye uri kw’isonga ukazoca userukira Uburundi muri CAF Champions League, ihiganwa utari bwakine na rimwe. Imigwi ya Inter Star, Les Jeunes Athlétiques na Delta Star nayo izokina mu cicero ca kabiri mu mwaka w’ihiganwa uza.

burundisport.com

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 13

Rukinzo FC 1-2 Buja City
Les Lierres 0-0 Bumamuru FC
Flamb. Centre 1-1 Flamb. Est
Aigle Noir 7-0 Athletico Ol.
Messager Bja 1-2 Messager N.
Vital'O FC 3-0 Ngozi City
LLBS4A 0-0 Olympic S.
Musongati 1-0 Kayanza Utd

Primus Ligue, umusi wa 14

Flamb. Est 0-1 Buja City
Flamb. Centre 1-2 Kayanza Utd
Olympic S. 3-1 Athletico Ol.
Ngozi City 1-1 Messager Bja
Vital'O FC 1-0 Musongati FC
Messager N. 2-1 Bumamuru FC
Aigle Noir 2-0 Les Lierres
LLBS4A 1-0 Rukinzo FC