Ntakamusoba Elvis, umukinyi w'umurundi abica bigacika muri Australia

Vyanditswe itariki 19.07.2017

 

Igihugu ca Australia ni kimwe mu bihugu bibamwo Abarundi benshi, igice kitari gito cabo kikaba kigizwe n’abagiyeyo bavuye mu makambi y’impunzi muri Tanzania, bamwe bakaba bamazeyo imyaka irenga cumi. Mur’abo, hari umusore w’umurundi yitwa Elvis Ntakamusoba abica bigacika mu rukino rw’umupira w’amaguru. Akinira mu cicaro cambere c’ihiganwa ry’akarere ka Victoria ryitwa National Premier League –Victoria mu mugwi wa Melbourne Knights. Uwo mukinyi akina hagati ku nimero 10 amaze imisi hano i Bujumbura akaba yatwiganiye incamake y’ubuzima bwiwe n’ivyo amaze gushikako mu mupira w’amaguru.

 

Mu nkino amaze gukina, aramaze kwerekana ubuhinga n'ubukerebutsi bitangaje

 

Incamake y’ubuzima bwiwe n’ivyo amaze gushikako mu mupira w’amaguru

 

Elvis Ntakamusoba batazira Kamsoba yavukiye i Makamba kuwa 27 Ruheshi 1996 abavyeyi biwe bakaba bitwa Claudine Nijimbere na Dume Daniel bose bavukiye muri zone Kabonga ya komine Nyanza Lac i Makamba. Elvis yajanye n’abavyeyi biwe mw’ikambi y’impuzi ya Nduta muri Tanzania akiri uruyoya, aca ahava agana igihugu ca Australia mu 2008.

Yatanguye gukina mu cicaro ca 2 mu mwaka w'2013, yakinye inkino 22, atsinda ibitsindo 20 mu mugwi witwa Playford city. Mu mwaka w' 2014 niho yagomwa gukina ubwambere mucicaro ca mbere, yakiniye umugwi witwa Adelaide Croatia mu gisagara ca Adelaide inkino 20 atsinda ibitsindo 5. Mu 2015 muri uwo mugwi nyene, yakinye inkino 22, atsinda ibitsindo 15. Mu 2016, yaciye agurwa mu mugwi wa Croydon Kings mu cicaro ca mbere c’akarere ka Australia y’Ubumanuko, yakinye inkino 20, atsinda incuro 6 imbere yo kwiyunga na Melbourne Knights uno mwaka, akaba amaze gukina inkino 15 yinjiza ibitsindo 6.

Ico mwomenya n’uko amahiganwa yo muri Australia atunganijwe mu mice ibiri, hari ihiganwa rikuru ryo ku rwego rw’igihugu ryitwa A League rigizwe n’imigwi 10 itaduga canke ngo imanuke icicaro, ikina mu buryo bwa « franchises » nko muri Leta Zunze Ubumwe za America hakaba n’amahiganwa yitwa National Premier Leagues abera mu mice umunani itandukanye igize igihugu. Mur’ayo mahiganwa, hariho ivyicaro, imigwi irashobora kuduga canke igakoroka. Uno mwaka, Elvis Ntakamusoba akina mu cicaro cambere ca National Premier League-Victoria mu mugwi wa Melbourne Knights uri mu kibanza ca 12/14 inyuma y’imisi 22 y’ihiganwa. Nk’uko yabitwiganiye, yazananye na bagenziwe b’Abarundi bakunda kandi bakina umupira w’amaguru mu ntumbero yo kuramukanya no kumenyana na bagenzi babo bakina muri Primus League, mbere akaba yanakoze imyimenyerezo hamwe n’abariko bategura urukino rwo kurondera itike rya CHAN 2018 ruzokinwa kur’uyu w’Imana.

 

 

Amidou Hassan

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

Primus League, umusi wa 13

Messager N. 3-0 Athletico Ol.
Delta Star 0-2 Musongati
Flamb. Est 0-2 Les Lierres
Olympic S. 0-0 Vital'O FC
Ngozi City 0-3 Flamb. Centre
Aigle Noir 3-1 Inter Stars
LLBS4A 2-1 Les Jeunes At.
Messager Bja 0-2 Buja City

 

Primus League, umusi wa 12

Kuwa 19/11
Les Jeunes At. 16:00 (PLR) Buja City