Intamba mu Rugamba: Abakinyi 27 nibo bari mu myimenyerezo yo kwitegurira inkino zibiri na Djibouti

Vyanditswe itariki 09.03.2017

 

Mu ntumbero yo kwitegurira inkino zo gukurakuranamwo mu kurondera itike yo gukina igikombe ca CHAN 2018 kizobera mu gihugu ca Kenya, Intamba mu Rugamba zigizwe n’abakinyi bakina mw’ihiganwa ry’i Burundi zimaze imisi itari mike mu myiteguro. Kugira uwo mugwi urabe aho ugejeje igikorwa co kwitegura, waratumiye umugwi nserukiragihugu wa Djibouti mu nkino zibiri za kivukanyi zizobera ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore ku magenekerezo ya 11 na 13 Ntwarante. Mbega abakinyi b’intamba bagize uwo mugwi uriko uritegura ni bande ? Nivyo tugomba tugarukeko tubereke n’amasanamu yabo.

Kuva kur’uno wa mbere 06 Ntwarante, abakinyi 27 bavuye mu migwi itandukanye, ukuyemwo Messager Ngozi uri mw’ihiganwa CAF Confederation Cup, nibo batumweko n’umumenyereza mukuru Niyungeko Alain Olivier, afashijwe na Bipfubusa Joslin icegera ciwe hamwe na Amidou Hassan amenyereza abanyegori, kubandanya imyimenyerezo ku kibuga ca Centre Technique National mu Ngagara.

 

Imyiteguro y'intamba zizorondera itike rya CHAN 2018 irabandanya

 

Urutonde rw’abo bakinyi 27 n’imigwi bavuyemwo

 

Abanyegori (Gardiens):


Mutombo Fabien / LLB



Rugumandiye Yvan / Musongati FC



Ndikuriyo Patient / Aigle Noir


Nahimana Jonathan /Vital’O FC


Abakinyi b’inyuma hagati (Défenseurs centraux) :


Suleyman Mustapha / Aigle Noir



Moussa Omar / Athletico Olympic



Ndayisenga Dunia / Musongati FC



Ndoriyobija Eric Evrard / LLB



Amissi Moussa / Inter Star



Nshimirimana David / Vital’O FC


Abakinyi b’inyuma ku mpande (Défenseurs latéraux) :


Ndaye Chancel / LLB



Harerimana Rashid Léon / LLB



Ramadhan Jumaine / Messager Bujumbura



Kiza Fataki / Vital’O FC


Abakinyi bo hagati (Milieux) :


Barirengako Franck / Musongati FC



Ndikumana Moussa / Athletico Olympic



Ndikumana Trésor / LLB



Ramadhani Saleh / Messager Bujumbura



Ndayishimiye Youssouf Nyange / Aigle Noir



Ntirwaza Sudi / Musongati FC



Mbirizi Eric / Bujumbura City



Duhayindavyi Gaël (Kizigenza w’umugwi) / Vital’O FC


Abasatirizi (Attaquants) :


Ndarusanze Claude / LLB



Habonimana Céléstin / LLB



Ndizeye Seif Thomson / LLB



Bimenyimana Bonfils Caleb / Vital’O FC



Ndikumana Jean Etando / Aigle Noir


Menya Neza : Abakinyi bamwe bamwe nka Alexis Kitenge Hakizimana, akiri kw’isonga ry’abafise ibitsindo vyinshi muri Primus League (19), Jules Ulimwengu, Ndayizeye Tachi n'abandi ntibari mur’urwo rutonde kubw’imvo z’ibikondoke bitarakira neza.
Tubibutse kandi ko igikombe ca CHAN gihuza imigwi nserukirabihugu igizwe n'abakinyi bakina mu mahiganwa yabo gusa, n'ukuvuga ko nk'Uburundi budashobora gukinisha abakinyi babwo bakinira hanze y'Uburundi.

Mbega mur'abo bakinyi 27, kubwanyu n'abahe 11 boba bakwiye gutangura mu kibuga? Tubahaye ikaze mugire ico mushikirije aha musi muri "Commentaires"

 

 

Jason Neretse

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 13

Rukinzo FC 1-2 Buja City
Les Lierres 0-0 Bumamuru FC
Flamb. Centre 1-1 Flamb. Est
Aigle Noir 7-0 Athletico Ol.
Messager Bja 1-2 Messager N.
Vital'O FC 3-0 Ngozi City
LLBS4A 0-0 Olympic S.
Musongati 1-0 Kayanza Utd

Primus Ligue, umusi wa 14

Flamb. Est 0-1 Buja City
Flamb. Centre 1-2 Kayanza Utd
Olympic S. 3-1 Athletico Ol.
Ngozi City 1-1 Messager Bja
Vital'O FC 1-0 Musongati FC
Messager N. 2-1 Bumamuru FC
Aigle Noir 2-0 Les Lierres
LLBS4A 1-0 Rukinzo FC