Football: Imilioni 222 z'ama Euros PSG ugomba ugure Neymar yogereranywa n'iki mu Burundi?

Vyanditswe itariki 02.08.2017

 

Mu kwezi kwa Ruhuhuma 2017, José Mourinho, umumenyereza wa Manchester United, yishuye abamenyeshamakuru bamubaza kuvya Paul pogba ati :"Paul ntiyorohewe uno mwaka kubera uburemere bw'amahera yaguzwe yabaye ayambere kw'isi (milioni 105 z'ama euros), ariko murindire ici riza, sinkeka ko hari abakinyi bazorenza ayo na kure maze ace agira umwidegemvyo akine ata buremere bw'ikiguzi yikoreye". Iryo Mourinho yavuze riratashe: ntibikiri ibanga, umukinyi Neymar Junior agiye kuva muri FC Barcelona aje muri Paris Saint Germain kuma milioni 222 y'ama Euros, arico kiguzi ndekuramukinyi (clause libératoire) cari canditse mu masezerano yiwe.

Biragaragara y'uko umupira w'amaguru uriko utera intambwe yo hejuru cane mu bijanye n'ubudandaji na cane cane ku mugabane wa Buraya kuko ibiciro vy'abakinyi bidahengeshanya kuduga ku rugero runini cane bivanye n'ukuntu abakinyi rurangiranwa baheza bakagaruza ayo mafaranga mu bidandazwa bitandukanye imigwi yabo ikorera ku mazina n'isura zabo.

Turabire hamwe uturorero tw'ivyo twogereranya n'ayo mahera y'imbonekarimwe mw'igurwa ry'abakinyi

 

Neymar agiye kuba umukinyi wambere aguzwe amahera y'akataraboneka

 

Milioni 222 z'ama Euros zingana n'iki mu Burundi?

 

1. Ushobora kugura amacupa y'urwarwa 832 500 000

2. Ushobora kugura amafanta 951 428 571

3. Ushobora kugura ibiro vy'ibiharage 333 000 000

4. Ushobora kugura ibitenge 44 400 000

5. Ushobora kugura imifuko ya ciment 26 640 000

6. Ushobora kugura imodoka za Probox 55 500

7. Ushobora gukwera abasore 444 000

8. Turavye amafaranga abakinyi bo mu Burundi bariko baragurwa uno mwaka, woyaguramwo abashika 120 000

9. Ayo mafaranga uyavunjije mu noti z'ijana, woyasasa ku buringanire bwa 58Km² n'ukuvuga nk'amakomine ya Ntwahangwa na Mukaza afatanye

10. Ayo mafaranga uyavunjije mu noti z'ibihumbi cumi ugaca uyafatanya mu burebure, wogira 8 658 Km , n'ukuvuga nko kuva i Bujumbura n'ibarabara ukaduga gushika mu gisagara ca Toulouse wajabutse gato ibahari Méditerranée

11. Uyagaburiye abantu bose baba mu gihugu c'Uburundi, umwumwe yoronka amafaranga arenga 60 000 FBU

12. Dufashe umuntu asigaje imyaka 100 yo kubaho, kugira yiruhukire ayahejeje, yotegerezwa gukoresha ayangana na 18 246 575 FBU ku musi

13. Yababa ibice 30% vy'amafaranga Leta y'Uburundi yategekanije gukoresha mu mwaka w'2017 (budget 2017)

 

 

burundisport.com

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

Primus League, umusi wa 1

Aigle Noir 3-1 Flamb. de l'Est
Messager N. 3-1 Olympic Star
Musongati 1-1 Athletico Ol.
Les Lierres 4-2 Messager Bja
LLBs4A 1-0 Delta Star
Vital'O 1-0 Inter Star
Flamb. Centre 1-1 les Jeunes At.
Ngozi City 0-0 Buja City

Primus League, umusi wa 2

Vital'O 0-1 Buja City
Les jeunes 0-3 Les Lierres
Flamb. Est 2-3 Athletico Ol.
Musongati 1-1 Aigle Noir
Olympic S. 7-0 Delta Star
LLBs4A 3-1 Messager N.
Inter Star 0-1 Ngozi City
Flamb. Centre 5-2 Messager Bja

 

Primus league, umusi wa 3

Kuwa 23/09
Delta Star 15:00 (PLR) Ngozi City
Kuwa 24/09
Messager N. 15:00 (Urukundo) Vital'O FC
Aigle Noir 15:00 (Gitega) Les Lierres
Inter Star 14:00 (PLR) Olympic S.
Les Jeunes 16:00 (PLR) Musongati
Kuwa 25/09
Messager Bja 14:00 (PLR) Flamb. Est
Athletico Ol. 16:00 (PLR) Flamb. Centre
Kuwa 26/09
Buja City 15:00 (PLR) LLBs4A