CAF: Inama rukokoma y’i Rabat yaraye ifashe ingingo zo guhindura ibintu bitari bike

Vyanditswe itariki 21.07.2017

 

Ku magenekerezo ya 18 na 19 kuno kwezi, inama ihuza abahinga bavuye mu bihungu bitandukanye bigize ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika yarakonaniye i Rabat mu gihugu ca Maroc. Iyo nama yari ifise ibikorwa bihambaye vyo kwigira hamwe ivyohinduka mu guteza imbere umupira w’amaguru ku mugabane, ivyo bikorwa bikaba vyari bigabuwe mu mice (ateliers) umunani itandukanye. Ingingo nyamukuru zarabiwe hamwe zari zijanye no guhindura isango igikombe ca Africa CAN kiberako, kikava muri Nzero-Ruhuhuma kikaja muri Ruheshi-Mukakaro no kwongereza ibihugu bicitaba bikava kuri 16 bija ku 24. Inyuma yo guca hirya no hino ivyo bibazo, iyo nama y’abahinga yaragize icegeranyo c’ivyokorwa igishikiriza urwego nshingwabikorwa ya CAF nayo ikaba yaraye ifashe ingingo zitari nke.

 

Ahmad Ahmad, umuyobozi wa CAF

 

Ingingo zaraye zifashwe n’urwego nshingwabikorwa ya CAF

 

Urwego nshingwabikorwa rwarakoranye kur’uyu wa kane 20 Mukakaro rwigira hamwe ivyavuye mu nama y’abahinga, ivyahurijweko na bose ari navyo bigize ingingo zigiye gushirwa mu ngiro muri CAF n’ibi bikurikira dufashe imice umunani y’ivyari vyizwe.

1. Amahiganwa ya CAN
Kuva ku gikombe ca CAN 2019, imigwi yitaba ihiganwa izova kuri 16 ije ku 24 maze ihiganwa ribe muri Ruheshi-Mukakaro. Ihiganwa rizobandanya ribera ku mugabane wa Afrika kandi ryitabwa n’ibihugu vyo muri Africa gusa uko imyaka ibiri itashe. Twobibutsa ko aka gace ka kabiri k’iyi ngingo kaje kishura abari batanze iciyumviro co gutunganya inkino zimwe zimwe canke ihiganwa rya CAN mu bihugu vyo hanze ya Africa abandi bakaba bari batanze iciyumviro c’uko muri Can hoza haratumirwa imigwi nserukiragihugu nk’itatu ivuye hanze y’umugabane.

2. Amahiganwa y’imigwi (clubs)

Amahiganwa y’imigwi (clubs) azobandanya uko asnazwe atunganijwe, ariko hakaba hagiye kwigwa uko yoza aratangura muri Myandagaro agasozerwa muri Rusama

3. Guteza imbere umupira mu buhagarikizi, imyimenyerezo n’ubuvuzi

Abari mu nama baremeje ko agashirukabute ku bahagarikizi kagiye kwongerezwa. Urwego nshingwabikorwa rwariyemeje kuvira hasi isuzuma ry’imyaka y’abakinyi no kugira ubushakashatsi ku bituma abakinyi batari bake b’abanyafrika basandabira mu kibuga giturumbuka.

4. Umupira w’abakiri bato
Guhiganira amatike y’ibikombe vya U17, U20 na U23 bigiye kuza birabera mu turere, maze akarere kose kakazoshinga amategeko yako y’uko bitunganywa. Amasuzumwa yo kwa muganga agiye kwongerezwa ku bakiri bato kugira ntihagire abaca muryahumye barenza imyaka.

5. Imigenderanire mpuzamakungu

Urwego nshingwabikorwa ruhimiriza imigenderanire myiza hagati ya CAF n’amashirahamwe y’ibihugu arigize hamwe n’ibihugu ubwavyo n’ishirahamwe mpuzamakungu "Union Africaine"

6. Gutumatumanako amakuru

Urwego nshingwabikorwa rugiye gukurikiza ivyasabwe mu guteza imbere itumatumanako ry’amakuru, harimwo kugira imbuga ngurukanabumenyi zigezweho no kwumviriza ibishikirizwa n’abamenyeshamakuru mu guteza imbere umupira muri Africa

7. Ubudandaji bujanye n’amasanamu (Marketing et TV)

Mur’ico gice kiri mu vyizwe n’inama y’abahinga, nta ngingo yaraye ifashwe isimbura uko vyahora

8. Ibijanye n’abakinyi

Urwego nshingwabikorwa rwaremeje ko hoshingwa urwego mpanuzwajambo rugizwe n’abakinyi babaye rurangiranwa b’Abanyafrica bakagira ico baterereye mu guteza imbere ibikorwa vya CAF

Inyuma y’izo ngingo zijanye n’ivyizwe mu nama y’abahinga “Symposium”, urwego nshingwabikorwa rwaraye rufashwe n’izindi ngingo zitari nke:

1. Mu gusuzuma ko ibintu biriko birategurwa neza mu gihugu ca Kenya kizokwakira CHAN 2018, abahinga ba CAF bazokigendera mu kwezi kuza kwa Myandagaro 2017. Urundi rugendo ruzokorwa muri Cameroun muri Nyakanga 2017 mu kuraba uko vyifashe mu gutegura CAN 2019

2. Inyuma yahoo igihugu ca Zambia cisokoye mu gutanganya CAN U23 2019, urwego nshingwabikorwa rwahamagaye ibihugu vyipfuza gutunganya ico gikombe kwimenyekanisha

3. Igikombe ca CAN Beach Soccer 2018 kizobera muri Egypte ari naco gihugu conyene caro cabisavye mu mwanya wateguwe

4. Ku vyerekeye ibihano biheruka gukurwako kuri Soudan, CAF yamenyesheje ko imigwi yari mu mahiganwa mpuzamakungu nayo nyene ica ikurwako ibihano, bigasigura koi ca ifatwa nk’iyatsinzwe ku musi wa 6 w’amahiganwa. Iyo ngingo ica iha uburenganzira umugwi wa Hilal El Obeid kubandanya mu gice ca kane gishira icanyuma ca CAF Confederation Cup kuko amanita ufise awuha ubwo burenganzira naho uba utsinzwe urukino rw’umusi wa 6.

 

 

burundisport.com

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

Primus League, umusi wa 1

Aigle Noir 3-1 Flamb. de l'Est
Messager N. 3-1 Olympic Star
Musongati 1-1 Athletico Ol.
Les Lierres 4-2 Messager Bja
LLBs4A 1-0 Delta Star
Vital'O 1-0 Inter Star
Flamb. Centre 1-1 les Jeunes At.
Ngozi City 0-0 Buja City

Primus League, umusi wa 2

Vital'O 0-1 Buja City
Les jeunes 0-3 Les Lierres
Flamb. Est 2-3 Athletico Ol.
Musongati 1-1 Aigle Noir
Olympic S. 7-0 Delta Star
LLBs4A 3-1 Messager N.
Inter Star 0-1 Ngozi City
Flamb. Centre 5-2 Messager Bja

 

Primus league, umusi wa 3

Kuwa 23/09
Delta Star 15:00 (PLR) Ngozi City
Kuwa 24/09
Messager N. 15:00 (Urukundo) Vital'O FC
Aigle Noir 15:00 (Gitega) Les Lierres
Inter Star 14:00 (PLR) Olympic S.
Les Jeunes 16:00 (PLR) Musongati
Kuwa 25/09
Messager Bja 14:00 (PLR) Flamb. Est
Athletico Ol. 16:00 (PLR) Flamb. Centre
Kuwa 26/09
Buja City 15:00 (PLR) LLBs4A