FIFA U17: Mali, Ghana, Niger hamwe na Guinée nivyo bizoserukira umugabane wa Afrika mu gikombe c’isi

Vyanditswe itariki 13.07.2017

 

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi FIFA hamwe n'inama nkuru itegura ihiganwa ry'igikombe c'isi c'abana batarenza imyaka 17 kizobera mu gihugi c'Ubuhindi (Mondial U17), baratunganije ijonjora ry’ukuntu imigwi izohura mur’iryo higanwa. Imigwi nserukirabihugu ya Ghana, Mali, Niger hamwe na Guinée yashitse mu gice ca kabiri gishira icanyuma mw’ihiganwa riheruka ry’umugabanae wa Africa niyo niyo izoserukira umugabane. Ico gikombe kizotangura kuwa 6 Gitugutu uyu mwaka, gisozerwe kuwa 28 uko kwezi nyene.

Ibihugu 24 nivyo bizokwitaba izo nkino zizobera mu bisagara vya New Delhi, Guwahati, Kochi, Navi Mumbai hamwe na Goa.

 

 

Uko imigwi igabuwe mu matsinda

 

Umugwi wa Mali watahukanye igikombe ca Afrika cabatarenza imyaka 17 uzokina mw'itsinda B . Abana b'umumenyereza w'umunya Togo Jonas Kokou Komla bazohura na Paraguay, Nouvelle-Zélande hamwe na Turquie.

Ghana yafashe ikibanza ca kabiri iri mw'itsinda rimwe na Inde, Etats-Unis hamwe na Colombie.

Mw'itsinda C, Guinée irikumwe n'Ubudagi , Iran hamwe na Costa Rica.

Igihugu ca Niger kizokina mw'itsinda D hamwe na Corée du Nord, Brésil hamwe na Espagne.

Itsinda A

Inde
USA
Colombie
Ghana

Itsinda B

Paraguay
Mali
Nouvelle Zealand
Turquie

Itsinda C

Iran
Guinée
Allemagne
Costa Rica

Itsinda D

Corée du Nord
Niger
Brésil
Espagne

Itsinda E

Honduras
Japon
Nouvelle Caledonie
France

Itsinda F

Irak
Mexique
Chili
Angleterre

 

 

Amidou Hassan

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

Primus League, umusi wa 13

Messager N. 3-0 Athletico Ol.
Delta Star 0-2 Musongati
Flamb. Est 0-2 Les Lierres
Olympic S. 0-0 Vital'O FC
Ngozi City 0-3 Flamb. Centre
Aigle Noir 3-1 Inter Stars
LLBS4A 2-1 Les Jeunes At.
Messager Bja 0-2 Buja City

 

Primus League, umusi wa 12

Kuwa 19/11
Les Jeunes At. 16:00 (PLR) Buja City